Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa bwabaye igihugu ca mbere kw’isi cinjiza igitoro cinshi mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ubushinwa bwabaye igihugu ca mbere kw’isi cinjiza igitoro cinshi mu (...)

Ubushinwa bwabaye igihugu ca mbere kw’isi cinjiza igitoro cinshi mu gihugu

mercredi 9 Gitugutu 2013

Igihugu c’Ubushinwa giheruka kuba igihugu ca mbere kw’isi cinjiza igitoro, aho hari mu kwezi kwa Nyakanga umwaka w’i 2013. Giciye imbere igihugu ca Leta nzunze ubumwe za Amerika, nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru c’abanyamerika (EIA) kivuga ku bijanye nivy’amasoko ntanganguvu (Energie).

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo ry’8 Gitugutu akaba ariho ikinyamakuru EIA cavuga ko Ubushinwa bwabaye igihugu ca mbere kw’isi cinjiza igitoro bivuye k’ubukerebutsi budasanzwe gifise bwo gusaba igitoro m’Ubushinwa.

Kubwa EIA, ibiharuro vyerekana iyinjira ry’igitoro ku munsi mu gihugu c’Ubushinwa, bingana n’utugunguru imiriyoni 6 n’ibice 30, mu gihe igihugu ca Leta nzunze ubumwe za Amerika ari utugunguru imiriyoni 6 n’ibice 24. EIA ikabona ko ivyo biharuro bishobora kubandanya gushika no mu mwaka w’i 2014.

Ivyo bibaye mu gihe ico gisata gisanzwe kiraba ivy’amasoko ntanganguvu cari cavuze mu kwezi kwa Myandagaro ko ukungene Ubushinwa bwinjiza ipeterori mu gihugu buzoca imbere igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika bivuye ku kungene buyicukura n’ingene buyikoresha cane.

Icukurwa ry’igitoro ryo mu gihugu ca Leta nzunze ubumwe za Amerika ryategerezwa kuduza ibiharuro bigera ku bice 28 kwi 100 hagati y’umwaka w’2011 n’i 2013, kugira bishikane imiriyoni 13 z’utugunguru ku munsi.

EIA ikaba yiteze ko isaba ry’igitoro ry’igihugu c’Ubushinwa ryoduga gushika ku bice 13 kwi 100 hagati y’umwaka w’i 2011 n’i 2014, mu gihe igihugu ca Leta nzunze ubumwe za Amerika ryoshikana ibice 18,7 kwi 100, ariko akaba ari igitigiri kiri munsi nk’ic’umwaka w’i 2005 cagera ku bice 20,8 kwi 100.

Mwomenya ko igihugu c’Ubushinwa cari igihugu ca mbere kw’isi mu bijanye n’ivy’amasoko ntanganguvu (Energie), ariko igihugu ca Leta nzunze ubumwe za Amerika kikaba kikiri ica mbere kw’isi mu gukoresha igitoro, ku bice bigera kuri 19,8 kwi 100, kikaza imbere y’igihugu c’Ubushinwa kiri ku bice 11,7 kwi 100, mu cegeranyo c’umwaka cakozwe n’ibijanye n’amasoko ntanganguvu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.