IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CAFOB : Umunsi mukuru w’abakenyezi, akaryo keza ko guharanira agateka (...)

CAFOB : Umunsi mukuru w’abakenyezi, akaryo keza ko guharanira agateka kabo

mercredi 4 Ntwarante 2015

Amashirahamwe y’abakenyezi amenyesha ko umunsi wabahariwe, kazoba ari akaryo keza ko kwibutsa bagenzi babo ko bategerezwa guharanira agateka kabo.

Uwo munsi uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante uwu mwaka, abo bakenyezi bahurikiye muri CAFOB bakavuga ko kazoba ari n’akaryo kandi ko guhimiriza abakenyezi b’abirimizi ko babwirizwa guharanira agateka kabo. Anne Spes Nishimwe umuhuzabikorwa w’ishirahamwe CAFOB, akamenyesha ko anegura uburyo abakenyezi b’abirimizi badafise uburyo bw’ukwivuza bukwiriye, gusaba ingurane, kwigisha abana n’ibindi.

Umuhuzabikorwa wa CAFOB aremeza ko iryo genekerezo, kazonaba akaryo keza ko kwiyumvira uburyo abakenyezi b’abarundikazi bohindura, kugira bashikire intego y’i Beijing. Anne Spes Nishimwe aheraheza amenyesha ko CAFOB yanakurikiranye mw’iyi minsi iheze, abahuye n’ibiza vyo gukubagurwa mu ngo bo mu ntara ya Mwaro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.