Accueil > Amakuru > Mu makungu > Cameron azotanga imihoho mu mezi ari imbere
Cameron azotanga imihoho mu mezi ari imbere
vendredi 24 Ruheshi 2016, par
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, yamenyesheje ko azotanga imihoho mu misi iri imbere.
Cameron, yiyamamaje cane asaba ko Ubwongereza bwoguma mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, yavuze ko ivyo abanyagihugu b’abongereza bahisemwo bitegerezwa kwubahirizwa.
Berekanye ico bafise ku mutima, igihugu rero gikeneye ubundi burongozi bushasha.
Yavuze ko ashobora kuba aragumye muri ico kibanza kugira ntihabe ihungabana z’inzego mu ndwi ziri imbere, ariko ko uwundi mushikiranganji wa mbere ari we azorongora ibiganiro vy’ingene Ubwongereza bwova mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.
IGIHE
Messages
24 Ruheshi 2016, 16:48, par Kanyosha
Ndakeje bimwe bidasanzwe abenegihugu bu Bwongereza bavuye muricogishirahamwe ngo nu Bulaya ndabemeye baranesheje caki numero 666 ndabakeje UK oyeeeeeeee! Oyeeeee.
24 Ruheshi 2016, 17:19, par ernest
Nibaba harihivyo bitagenda neza nibaveyo
24 Ruheshi 2016, 17:19, par ernest
Nibaba harihivyo bitagenda neza nibaveyo
24 Ruheshi 2016, 20:38, par N. R. N.
KUMBURE ISHIRAHAMWE RYIBIHUGU YYABURAYA RYOSAMBUKA, UBURUNDI BWORONKA UBWIGENGE NYAKURI NKUKO ARIGIHUGU CIKUKIYE TURASHIMIYE RERO ABENE GIHU BABONGEREZA KUGIKOGWA CITEKA BAKOZE.!!!
25 Ruheshi 2016, 02:18, par tari
Ivyonivyo na nkurunziza yagomba kugira igihe bimunaniriye guhitisha bill imurekurira guhindura ibwirizwa shingiro ahokwiyumvira guhonya abo yarajejejwe gukingira
25 Ruheshi 2016, 07:22, par Bella
Hoooo nimuvuge make mureke kuvuga ayo mutazi! aba bongereza bobo ni incabwenge. ko bari muri gouvernement imwe canke abari mu mugambwe umwe kandi bakomeye nka Cameron na Boris n’abandi,ntibavuga rumwe bamwe bari bashigikiye kuvayo abandi kugumayo,ariko ntawafashe inkoho ngo yice canke yomore uwundi. abandi barwanisha imitwe n’ivyiyumviro bakubaha amategeko. na Cameron yubashe amateko. Ariko twebwe uwuhonyanga amatego wambere ni nkurunziza. umuntu niwe yiha agaciro. wigize imbwa abantu bagufata nk’imbwa. wihay agaciro ugira agaciro. womarira abantu guhunga abandi ukica uzi nezako uriko uhonyanga amateko hama ngo wokwigereranya n’abandi bantu bazima bubaha amategeko?
25 Ruheshi 2016, 15:32, par tari
Murantunge nihenze kuko ahonanditse nkashiraho nyakwubahwa Nkurunziza narigushiraho Kagome nako Kagame.