Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cameroun: Abantu 12 nibo baguye mu gitero c’umwihevyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun: Abantu 12 nibo baguye mu gitero c’umwihevyi

Cameroun: Abantu 12 nibo baguye mu gitero c’umwihevyi

jeudi 14 Nzero 2016

Abantu 12 nibo bapfuye abandi barakomereka mu gihugu ca Cameroun, igihe umwihevyi vyibazwa ko ari uwo mu muhari wa Boko Haram bikekwa ko ari uwo mu mutwe wa Boko Haram,yinjira mu musigiti aca yiturikirizako igisasu.

Vyabaye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nzero 2016 mu Buraruko bw’igihugu ca Cameroun mu musigiti uri mu gace kitwa Kouyape.

Umwe mu bayobozi bo muri ico gice yabwiye itororkanirizo ry’amakuru Reuters ko uwo mwihevyi yinjiye mu musigiti akiturikirizako igisasu, ari kumwe n’abandi bantu 12 bose baca baritaba Imana.

Kugeza ubu nta muntu aremera ko ariwe yagize ico gitero, ariko birikekwa ko boba ari abo mu muhari wa Boko Haram,inyuma yaho abasirikare ba Cameroun birukaniye uwo murwi mu bice wari utangiye gukwirakiramwo.

Umurwi wa Boko Haram uvuga ko wihaye intumbero y’uko mu myaka itandatu uzoba wahinduye agace k’uburaruko bwa Nigeria, Reta ishingiye ku mategeko y’idini rya Islam.

Ibihugu bibanyi vya Nigeria birimwo Tchad, Niger, Nigeria, Cameroun na Benin vyagiye hamwe kugira birwize inguvu mu kurwanya umurwi wa Boko Haram.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.