Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun : Boko Haram yasubiye kwiha inkumbi
Cameroun : Boko Haram yasubiye kwiha inkumbi
dimanche 19 Ndamukiza 2015
Abantu 19 nibo bahitanywe n’igitero c’intagondwa za Boko Haram mu gihugu ca Cameroun.
Ico gitero cagizwe n’uwo murwi w’iyitirira idini rya Islam Boko Haram, kikaba cabaye kuri uyu wa gatanu, mu Burengero bwa Cameroun, aho bagandaguye abantu bagera kuri 19, benshi bakaba muri abo bahasize ubuzima, babanzwa gucibwa amazosi, nk’uko vyavuzwe n’umwe mu bajejwe umutekano, kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 18 Ndamukiza. Ico gitero rero kikaba caje gikurikira, ikindi, cari cahitanye abantu bagera kuri 10.
Uwo muhari rero w’izo ntagondwa, ukaba umaze iminsi ugisibije mu bihugu vya Cameroun, Nigeria, na Tchad, aho wica ukuzako, abatari bake bakaba bamaze guta bagahunga, nayo ibihugu rutura bikaba bimaze kugaragaza ko bizofashanya n’ivyo bihugu vyagizwe ikirimbiro rya Boko Haram kugira, izo ntagondwa zihashwe.
IGIHE
Messages
20 Ndamukiza 2015, 07:05, par Norbert
Mana Iyisi Iragez Kure!Abantu Bacibwa Imitwe Nkimbagwa Bikagirw Nabo Bavukana!Iman Niduharir.None Ivyo Bihugu Birindiriy Iki Konumv Inganda Zatikiye
20 Ndamukiza 2015, 08:54, par nsabiyumva swidiq
none bababaze ico bashaka bakibahe