Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun : Boko haram yasubiye kwiha inkumbi
Cameroun : Boko haram yasubiye kwiha inkumbi
mercredi 12 Munyonyo 2014
Mu bisagara vya Cameroun bitandukanye, abarwanyi ba boko haram babandanya kwiha inkumbi.
Abo barwanyi basanzwe bavuga ko bashigikiye idini rya Islam, bakaba babangamiye cane Uburaruko, aho Cameroun ihana urubibe n’ighihugu ca Nigeria. Kuri urwo rubibe rero, ibitero bitandatu bikaba vyagizwe n’izo ntagondwa, abantu bagera kuri batatu bapfuye abandi barakomereka I Fotokol. Mukamenya ko muri ivyo bitero vyose, uwo muhari uba witeguye, kuko uba ufise ibirwanisho bikomeye, harimwo n’ibiduga bidatoborwa n’urusasu.
Uwo muhari w’intagondwa ukaba umaze kubura abarwanyi batari bake, ariko ikiboneka, akaba ari uko, badaheba kugaba ibitero.
Aristide Nizigire
Messages
12 Munyonyo 2014, 17:52, par Barumwete
Jewe mfise ikibazo;nsomye iyi nkuru numvise ngo Boko haramu ifise ibiduga bitamenwa. None Boko haramu n’igisirikare c’igihugu ca hehe?