Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2015: Imirwi ifise amahigwe yo kubandanya mu gice ca kabiri
CAN 2015: Imirwi ifise amahigwe yo kubandanya mu gice ca kabiri
samedi 31 Nzero 2015
Imirwi isigaye mu nkino z’igikombe ca CAN 2015 iratangura igice ca kane c’amahiganwa, inkino z’ijonjora zakuyemwo imirwi umunani zisiga iyindi umunani nyene.
Inkino z’igice ca kane gishira ica kabiri na co gishira ica nyuma zugururwa n’urukino ruhuza ibihugu bibanyi ari vyo Congo Kinshasa na Congo Brazaville,ni isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Isaha zitatu n’inusu z’ijoro, Guinee Equatoriale yateguye inkino itana mu mitwe na Tunisiya. Muri zino nkino, umurwi wa Tunisiya ufise amahigwe kubera ico gihugu cahejeje kiri kw’isonga mw’itsinda B bivuye ku rukino Tuniziya yatsinze Zambie (2-1), nayo Congo Kinshasa yanganije na Cap Vert (1-1).
Igihugu ca Guinee Equatoriale ari naco categuye izo nkino gifise amahigwe kuko cari gifise ikibanza ca kabiri mw’itsinda A. Guinee Equatoriale yatsinze Gabon (2-2), inganya na Burkina Faso (0-0) eka na Congo Brazaville vyaranganije (1-1). Iruhande ya Tunisiya, Guinee Equatoriale ifise amahigwe kubera ubwinshi bw’abantu bawushigikiye kubera Guinee Equatoriale iri iwabo.
Ku bijanye n’urukino rwa Congo Kinshasa na Congo Brazaville, baravye uko inkino zabaye mu matsinda, Congo Kinshasa ifise amahigwe yo gutsinda urukino rw’uno munsi, ariko baravye uko inkino zikurakuranamwo zagenze, Congo Brazaville ishobora gutsinda.
Cherif Nkeshimana