Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2015 : Imwe mu mirwi yamaze gusezera inkino iyindi irabandanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2015 : Imwe mu mirwi yamaze gusezera inkino iyindi irabandanya

CAN 2015 : Imwe mu mirwi yamaze gusezera inkino iyindi irabandanya

mercredi 28 Nzero 2015

Inkino za CAN 2015 zirabandanya mu gice ca mbere c’ikurakuranamwo mu matsinda. Imirwi imwe iramaze gusezera amahiganwa, iyindi yaramaze gutabuza amatike yo kubandanya mu gice ca kane c’inkino.

JPEG - 29.5 ko
Algeriya ihejeje gutsinda

Imirwi yo mw’itsinda C yaraye irangije inkino zo hagati yayo. Mu nkino zaraye zibaye, umurwi wa Algeriya waraye utekeje Senegal mu kuwutsinda ibitsindo 2-0, urundi rukino rwahuje Afrika y’Epfo na Ghana. Ghana irungika iwabo Afrika y’epfo ku bitsindo 2-1.

Imirwi ya Ghana na Algeriya yahambije iyindi mirwi yo mu matsinda A na B yamaze kuronswa itike ryo gukina mu gice kane, iyo nayo ni: Congo Brazaville na Guinee Equatoriale yo mw’itsinda A yakuyemwo Burkina Faso na Gabon hamwe n’imirwi ya Tunisiya na Congo Kinshasa yo mw’itsinda B yakuyemwo Zambiya a Cap Vert.

Hasigaye urubanza rutatura imirwi yo mw’itsinda D kuko yagiye inganya amanota n’ibitsindo, iyo nayo ikina inkino za nyuma zo mw’itsinda. Inkino zibera umwanya umwe Isaha cumi na zibiri z’umugoroba, Cote d’Ivoire ihura na Cameroun, Mali ihure na Guinee.

Ku bijanye n’igice ca kane c’inkino, biramaze kumenyekana ko Tunisiya izohura na Guinee Equatoriale, nayo Congo Kinshasa ikine na Congo Brazaville, Algeriya nayo izokina n’umurwi wa kabiri wo mw’itsinda D hamwe na Ghana izokina n’umurwi wa mbere muri iryo tsinda nyene.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.