Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN: Maroc na Angola zaranganije ubugabo
CAN: Maroc na Angola zaranganije ubugabo
dimanche 20 Nzero 2013
Umugwi nserukira gihugu wa Angola n’umugwi nserukira gihugu wa Maroc yaratanye mu mitwe ejo mu rukino rwa kabiri rwo mw’ihiganwa rya Afrika ry’imirwi nserukira bihugu CAN 2013.Urukino rukaba rwaheze atawutsinze uwundi.
Hari ku kibuga kiri mu gisagara ca Johannesburg kuri uno wa gatandatu,aho umurwi nserukir gihugu wa Maroc n’uwa Angola yatana mu mitwe.Urukino rukaba rwaheze atawutsinze uwundi kuko urukino vyaboneka ko basa n’abarunganya.
Mu gihe rero Maroc ifise intsinzi 4 hamwe n’urukino rumwe banganije n’uwo mugwi wa Angola mu nkino zabahuje mu myaka iheze, Maroc nyene yarifatiye igice ca mbere c’urukino,ariko umugwi wa Angola ukaba warivyukiranije mu gice ca kabiri.Ku munota wa 47 umunyezamu wa Maroc Lamyaghri yarakoze ikosa umupira utewe na Guilherme uramwiyaka.
Ku munota wa 53, umukinyi wa Maroc El Kaoutari yarakatishirije umupira kw’igori ryiwe,mbere no k’umunota wa 88 umukinyi wa Angola Mateus yarateye umupira munini ariko nawo nyene ntacavuyemwo.
Umumenyereza wa Maroc akaba yari yatanguje abakinyi bitoroheye muri urwo rukino kuko nk’umukinyi Belhanda yinjiye k’umunota wa 54 naho nyene ataco yashoboye gushikako.Ku munota wa 84 umukinyi akaba na kizigenza wa Angola Manucho we akaba yarabuze igitsindo k’umunota wa 84 bivuye k’ukutumvikana kw’abakinyi ba Maroc.
Twobibutsa ko izo nkino zabaye ejo zari izo mu mugwi wa mbere ugizwe na Afrika y’Epfo yatunganije iryo higanwa,Cap Vert,Angola na Maroc,akaba ata gitsindo na kimwe cinjiye ku munsi w’ejo.
Mugisha Van Naris