Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN: Umugwi nserukiragihugu wa Kongo iharanira demokrasi warifashe neza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN: Umugwi nserukiragihugu wa Kongo iharanira demokrasi warifashe neza (...)

CAN: Umugwi nserukiragihugu wa Kongo iharanira demokrasi warifashe neza imbere ya Ghana

lundi 21 Nzero 2013

Igihugu ca Ghana, kimwe mu bihugu bihabwa amahirwe menshi yo gutahukana igikombe ca CAN 2013, caraye kinaniwe gutsinda umurwi nserukira gihugu wa Kongo iharanira demokrasi mu rukino rwo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Nzero 2013.

Muri urwo rukino rwatanguye igihe c’isaha icumi n’imwe mu masaha yo m’u Burundi,umurwi wa Ghana watanguye werekana ko ari umugwi udasanzwe,ariko ivyo bikaba vyatumye umugwi wa Kongo nawe wivyukiranya werekana ko nawo nyene udasanzwe ubicishije kuri kizigenza wabo Tresor Mputu.

JPEG - 301.8 ko

Ku munota w’40 mu gice ca mbere, umukinyi wa Ghana Badu yarinjije igitsindo ca mbere c’umugwi wiwe akaba ari naco cabaye ica mbere muri iryo higanwa kuko mu nkino zari zabaye ku munsi wa gatandatu bugurura ihiganwa atagitsindo na kimwe cinjiye.

Ku munota w’50, umukinyi Kwadwo Asamoah yarinjije igitsindo ca kabiri c’umugwi wa Ghana,ariko ivyo ntivyaciye intege umugwi wa Kongo, kuko k’umunota w’53,umukinyi Mputu yaratsinze igitsindo ca mbere c’umugwi wa Kongo.

Ata mwanya munini uheze, kw’ikosa ryari rikorewe umukinyi Dieumerci Mbokani akwezwe impuzu n’umukinyi Jerry Akaminko mu gice cegereye igori rya Ghana,yaciye aronka Penalty ari nawe yayiteye yongera arayinjiza ku munota wa 69.
Urukino rukaba rwaheze ibintu bikimeze ukwo,imigwi ibiri yose iheza ifise ibitsindo bibiri kuri bibiri.

Bikaba rero vyaribonekeje ko kuba abakinyi Andre Ayew na Jordan Ayew bavukana,Essien,Muntari na Prince Boateng batari mu mugwi wa Ghana vyahinduye ikintu kinini.

Twobamenyesha koinyuma y’urwo rukino haciye haba urundi rwahuje umugwi wa Mali na Niger isanzwe isangiye umugwi wa kabiri na Kongo na Ghana,urwo narwo rukaba rwaheze umugwi wa Mali utsinze Niger igitsindo kimwe k’ubusa.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.