Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN: Umugwi wa Zambiya ntiworohewe imbere ya Etiyopiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN: Umugwi wa Zambiya ntiworohewe imbere ya Etiyopiya

CAN: Umugwi wa Zambiya ntiworohewe imbere ya Etiyopiya

mardi 22 Nzero 2013

Umugwi wa Zambiya ari nawo ufise igikombe co k’umwaka uheze ntiworohewe mu rukino rwawo rwa mbere muri CAN y’2013 aho wahuye n’umugwi wa Etiyopiya wari umaze imyaka 31 utaja muri iryo higanwa.

Umugwi wa Etiyopiya waratangaye cane kuja mw’ihiganwa rya CAN inyuma y’imyaka 31 utajayo.Usubiyeyo,uwo mugwi waravyifashemwo neza kuko waraye unganije n’umugwi wa Zambiya ufise igikombe co mw’ihiganwa ry’umwaka uheze.

JPEG - 158.5 ko

K’umunota wa 17,bivuye k’ukutumvikana hagati y’umukinyi Himoonde na Sunzu,umukinyi Getaneh yarateye umupira munini ukubita ku giti co hejuru c’izamu rya Zambiya,igitsindo nticari kure cane.

Ibintu vyabandanije kugendera neza umugwi wa Etiyopiya,kuko k’umunota wa 23 umukinyi Chisamba wa Zambiya yataye hasi umukinyi Salahdin wa Etiyopiya baca batera penalty ariko umunyezamu wa Zambiya arashobora kuyikatisha.

JPEG - 430.6 ko

Urukino rugeze hagati umunyezamu wa Etiyopiya yarasohowe,ibitanezereye abakunzi bari baje gushigikira umugwi wa Etiyopiya kuko bahavuye bata amavuvuzera mu kibuga mu kwerekana akababaro.Mu mpera z’igice ca mbere umukinyi wa Zambiya Mbesuma yarinjije igitsindo ca mbere.

Naho umugwi wa Etiyopiya wakina ari 10,k’umunota wa 64,biciye k’umukinyi Salahdin,kizigenza w’umugwi wa Etiyopiya Girma yaratsinze igitsino catumye baca banganya igitsindo kimwe ku kindi.Urukino rukaba rwarangiye ibintu bikimeze ukwo.
Tubamenyeshe ko urwo rukino rwabereye ku kibuga Mbombela Stadium.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.