Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Canada: Umurundi yatowe ikiziga areremba mu ruzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Canada: Umurundi yatowe ikiziga areremba mu ruzi

Canada: Umurundi yatowe ikiziga areremba mu ruzi

samedi 29 Ruheshi 2013

Michael Niyongabo umurundi w’imyaka 21 y’amavuko, yatowe ikiziga n’igipolisi co mu gihugu ca Canada haraheze iminsi mu gisagara ca Ontario i Windsor.

Igipolisi co muri Canada kiriko gisaba kuronswa amakuru ajanye n’urupfu rw’uyo musore na cane cane kigasaba kumenya ibiranga uyo murundi yaba muri ico gihugu. Ivyo navyo bikaba ngo vyofasha mu kumenya inyanduruko y’urupfu rwa Michael Niyongabo.

Igipolisi c’i Windsor gisaba ko uwoba afise amakuru ku rupfu rw’uyo musore, ko yohamagara kuri 519-255-6700. Michael Niyongabo yatowe ariko arareremba mu ruzi Detroit, hafi ya Russell Street kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi uyu mwaka. Akaba yari yize muri kaminuza ya Windsor imyaka ibiri.

Iyi nkuru tukaba tuyikesha ubuhinga ngurukana bumenyi blackburnnews.com


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.