Accueil > Amakuru > Poritike > Cankuzo na Mwaro zarashikirijwe icese ba buramatari bashasha
Cankuzo na Mwaro zarashikirijwe icese ba buramatari bashasha
dimanche 18 Rusama 2014
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yarashikirije icese mu mabanga, aba buramatari bashasha b’intara za Mwaro na Cankuzo. Bompi akaba yabasavye kuba ijisho n’ugutwi vy’umukuru w’igihugu no gutunganiriza abazoba babituye bose atakuvangura .
Mu ntara ya Mwaro, asanzwe ari n’imvukira yaho, Prosper Bazombanza yatanguye akeza buramatari w’iyo ntara. Yagize ati : "ndakwifurije amahoro n’ukuroranirwa kw’iteka waraye utewe ryo kurongora intara ya Mwaro". Gérard Maryogo yashikirijwe amabaga yo kurongora intara ya Mwaro, yasabwe ko yotunganiriza abanyamwaro bose n’abandi bazomwitura ata numwe akuyemwo yaba abatwa, abatutsi, n’abahutu. Propser BAZOMBANZA ati :’’ uzobakire nk’umuvyeyi ubajejwe... wibuke ko buramatari ariwe ategerezwa kwitaho impfuvyi, abapfakazi bari mu ntara yiwe hamwe naba ntahonikora. Ikindi kandi buramatari ategerezwa kwitaho ikibazo c’abateshejwe izabo n’abahungutse baba bari mu ntara arongoye’’.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu , yamusavye ko mu mirimo yiwe ya minsi yose yoshira imbere amahoro, umutekano wa bose ,kurwanya ubukene , indwara n’ubujuju, kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu mbere no guharanira iterambere ubumwe no kunywanisha abarundi. Yamwibukije kwama azirikana ko buramatari ari ijisho ry’umukuru w’igihugu mu ntara ajejwe. Abanyamwaro nabo yabasavye kumuyoboka. Gérard Maryogo yasubiriye uwitwa Jean Polydor Ndayirorere.
Ico gikorwa co gushikiriza icese mu mabanga, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarakiranguye no mu ntara ya Cankuzo. Prosper Bazombanza akaba yasavye buramatari w’intara ya Cankuzo Désiré Njiji yamusavye gutunganiriza bose ata kuvangura.
KARIRE Floxella
Messages
18 Rusama 2014, 20:22, par ikizi
Mbiyo mborerwa ntiyoja kuvugir,imbonerakure arongoye!
18 Rusama 2014, 22:07, par Mama
Ndashimye cane nyakwubahwa icegera cambere cumukuru wigihugu mu Burundi impanuro yahaye aboba buramatari bahawe amabanga yokurongora izontara za Mwaro na Cankuzo.
19 Rusama 2014, 14:57, par Ngorore ya bahinda
I Mwaro, nta baganwa babayo ko atabashize mu bo buramatari azotunganiriza.
19 Rusama 2014, 17:29, par burundi buhire
MBEGA GA GOSO...................(Aho waragiye gushikiriza ba buramatari ngo uri vice président?URI IMBONERAKURE IKOMEYE.MBEGA NTIWOBUZA BURAMATARIWA MAKAMBA ARIKO AKORA IBIDAKORWA.