Accueil > Amakuru > umutekano > Carama : Umuporisi yishwe arashwe
Carama : Umuporisi yishwe arashwe
mercredi 23 Ntwarante 2016, par
Umuporisi yagandaguwe arashwe mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Kinama, karitiye ya Carama, kw’ibarabara ryitiriwe Mukuyangoma.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abamurashe batamenyekanye, bakaba bagiye batwaye ikiziga ciwe.
OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko umuporisi yishwe mu masasu yumvikanye aho mu Carama nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba ari APC NSENGIYUNVA Dieudonné batazira 41 yahora akora mu giporisi kijejwe gucungera inzego (API).
- OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Yishwe arashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye, n’ikiziga ciwe kikaba kitaraboneka.
IGIHE
Messages
23 Ntwarante 2016, 11:49, par VENERAND
IBINTU BIRATAGAJE! KUBONA ABAJEJWE UMUTEKANO APFUYE KANDI YISHWE,UWURAHA COMMENTAIRE IKACA YEREKANA UBWOKO YEGAMIYE UBWO SIBARA?TURI ABARUNDI TWESE KANDI NTAHOTUZOSHIRANA.DUFISE AMARASO AMWE,
23 Ntwarante 2016, 12:01, par ciza theoneste
abamwishe imana izobahane atakigongwe kandi bamenje gusa bihenze kuko ivyo bipfuza ntibazobishikako guko igihugu kirabona kandi abarundi turimaso uwatumye nawe imana uzo tumenyesha ubwambembe avuze ngo ababikira ni nyakubahwa umuhisi gnl imana imwakire ngo niwe ariko ukuri kuriko kuraja ahabona kubwimana nabo imana irakunda uburundi bazomenyekana
23 Ntwarante 2016, 12:13, par amira
Iryo nibara erega nimuve mubibi mukore ivyiza ayo maraso yaburi musi ntazogenda amahoro
23 Ntwarante 2016, 12:27, par tari
Nukuraba nezako abobantu muzego zumutekano bariko baricwa batariko baricwa na nkurunziza kukira kabe akaryo koguhonya abo yipfuza guhonya kuko umugambi wiwe aruwo kumara abantu
23 Ntwarante 2016, 13:10, par ikebuke
hari abaraye banyoye inzoga? ngo hapfuye uwo bashaka? ariko ruriye abandi rutabibagiye. ubwambere mwavuga ngo abasoda nabana beza bafise indero ngo abapolice nibabi none ubu mubadutsemwo gute?
23 Ntwarante 2016, 13:19, par ikebuke
hari abaraye banyoye inzoga? ngo hapfuye uwo bashaka? ariko ruriye abandi rutabibagiye. ubwambere mwavuga ngo abasoda nabana beza bafise indero ngo abapolice nibabi none ubu mubadutsemwo gute?
23 Ntwarante 2016, 13:24, par ndayizeye moise
Imana irabona uburundi kandi ico yataguye kuburundi kizoshika reka dusenge hama Imana yikorere ivyayo urugamba rukomeye ruba rugiye kurangira jewe namaze kubona ko amahoro agiye kuza rema ntiwihebure dufise NKURUNZIZA abona kure jewe nipfuza koyotwara imyaka yose gushika ashaje tugiye gutora infini
23 Ntwarante 2016, 23:46, par ngowenubusa
Sinokwigeze nibaza ko umuntu ashobora kurasirwa muri etat major. Iryo ni ibara. ni igitutsi ku gihugu. wawundi ngo" ndagapfira kuri alutali" uwo we ararengeje. muri ya 99,99/100 itekanye intwazangabo ifise vyose ngo bayi .
24 Ntwarante 2016, 08:36, par Apc
Uwo Yaziz Akaz Kiw Nabazir Ubusa Barabuzir,kawuka Bizoher Nta Mper Nziza Yumwicanyi
24 Ntwarante 2016, 10:57, par Habona
Ko n’ikiziga ciwe batarakibona, Nkurikiye yamenye gute uwapfuye??
24 Ntwarante 2016, 18:09, par Ndayisenga Déogratias
Mana gira ugarukire uburundi!!!Imana imwakire,mubwamibwayo.
24 Ntwarante 2016, 22:56, par NZOJIYOBIRI
IMANA IMWAKIR MUBWAMI BWAYO.
24 Ntwarante 2016, 22:57, par NZOJIYOBIRI
IMANA IMWAKIR MUBWAMI BWAYO.
25 Ntwarante 2016, 13:41, par edouard masabarakiza
imana yarikwiye gutbara uburundi
25 Ntwarante 2016, 17:31, par Elias
Napf,ntakund.Nabandibarapf