Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Carlo Ancelotti afise ubwoba ku rukino ruzobahuza na Bayern de (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Carlo Ancelotti afise ubwoba ku rukino ruzobahuza na Bayern de (...)

Carlo Ancelotti afise ubwoba ku rukino ruzobahuza na Bayern de Munich

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Itora ry’imirwi izohura mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino za Champions League yamenyekanye. Real Madrid izohura na Bayern de Munich, Chelsea ihure na Atletico Madrid. Carlo Ancelotti yamaze gushikiriza n’ubwoba ku buhinga bwa Pep Guardiola.

Mu gihe hasigaye imirwi ine (4) gusa izokina mu gice ca kane gishira ica nyuma, uko imirwi izohura kwamenyekanye. Umurwi wa Real Madrid wakuyemwo Borussiya Dortumund uzokina n’umurwi wa Bayern de Munich nawo wari watsinze Manchester United. Izo nkino zibiri zizoba ku munsi wa kabiri w’igenekerezo rya 23 Ndamukiza ku kibuga ca Real Madrid. Uryo gusubiza hagati y’iyo mirwi nyene ruzoca ruba kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza ku kibuga ca Bayern de Munich.

Iyindi mirwi izohura muri ico gice, n’umurwi wa Atletico Madrid wari wakuyemwo FC Barcelone, uwo nawo uzohura na Chelsea wakuye mw’ihiganwa umurwi wa Paris-Saint-Germain. Urukino rwa mbere ruzoba ari kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza ku kibuga ca Atletico Madrid, urwo gusubiza ni kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza ku kibuga ca Chelsea.

Iyo mirwi igiye guhura nta n’umwe wo guta mu nda nsa. Carlo Ancelotti amenyereza Real Madrid yamaze kugira ico ashikirije k’umurwi bizohura wa Bayern de Munich. carlo Ancelotti ati:"itora ry’imirwi izohura singaye kuko natwe twarimwo mu gutora. Tugiye guhura n’umurwi utoroshe, ariko turafise ibizigizigi vyo gutsinda. Bayern de Munich si umurwi nciye aha. Pep Guardiola yarakamiritse mu kumenyereza, ntituzokworoherwa. None ni nde azohava arekura intsinzi? Eka na Real Madrid ntizoborohereza".

Carlo Ancelotti yashimangiye ko Cristiano atazokina ati:" eka na Cristiano ntaryohewe, asivye mu gihe yarakenewe cane, ntazokina kiretse mu gihe wenyene yokwumva abishoboye,atari uko, jewe sinzomukinisha".


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.