Accueil > Amakuru > u Burundi > Cendajuru: Umupolisi umwe yarakomeretse mu gitero c’abitwaje (...)
Cendajuru: Umupolisi umwe yarakomeretse mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
lundi 25 Ntwarante 2013
Umurwi w’abantu bagera kuri cumi na batanu bitwaje ibirwanisho barateye ikirindiro c’abapolisi mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2013 muri komine Cendajuru, mu ntara ya Cankuzo, aho umupolisi umwe yahakorekeye, aca ajanwa ku bitaro i Gitega.
Inkuru ziva mu gipolisi zimenyesha ko uwo murwi woba wari uje uva mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kandi ko wahatswe kwiba mu Misugi uca urateshwa uromoka.
Mu gipolisi bamenyesha ko bariko barakurikirana abo babisha, bagasaba abanyagihugu gukorana n’inzego z’umutekano igihe cose hagize ico bikanga.
Jean Michel Ndayikengurutse