Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI:ʺAbarenga 70 kw’ijana baritavye amatoraʺ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI:ʺAbarenga 70 kw’ijana baritavye amatoraʺ

CENI:ʺAbarenga 70 kw’ijana baritavye amatoraʺ

mercredi 1er Mukakaro 2015

Umurwi utegura amatora CENI umenyesha ko abarundi bakwije ibisabwa n’amategeko ngo baje mu matora barenga 70 kw’ijana bagiye gutora.

Umuvugizi w’umurwi CENI Prosper NTahorwamiye avuga ko muri rusangi amatora yagenze neza,naho hari abatoye imigambwe itavuga rumwe na Reta,kandi iyo migambwe n’inani bari basavye abanywanyi babo kutitaba ayo matora.

Prosper Ntahorwamiye avuga ko ibiharuro biriko vyegeranirizwa mu mirwi ijejwe amatora mu makomine CECI no mu ntara CEPI.

Ku ruhande rw’abatavugarumwe na Reta batitavye amatora,ariko batowe,umuvugizi w’umurwi CENI amenyesha ko amajwi yabo bazoyaharura kandi babahe n’intebe,kuko umurwi CENI ata rwandiko waronse rumenyesha ko bavuye muri ayo matora.

Mu murwi CENI bakavuga ko urwandiko baronse rwari urwo ikivunga,kuko abaruteyeko umukono baruteyeko umukono bavuga ko baserukira imigambwe itemewe n’amategeko.

Mwomenya ko ayo matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,yitabwe n’umugambwe CNDD-FDD,UPRONA irongowe na Concilie Nibigira,Urunani COPA hamwe n’umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.