Accueil > Amakuru > Poritike > CENI: Amatora y’abajenama b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 24 (...)
CENI: Amatora y’abajenama b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro
mercredi 5 Myandagaro 2015
Umuvugizi w’umurwi utegura amatora CENI Prosper Ntahorwamiye,amenyesha ko amatora y’abajenama b’imitumba azoba kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.
Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko imyiyamamazo izotangura kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro,imare iminsi cumi n’ine nkuko vyabaye ku yandi matora,kandi ayo matora, azobera ku mitumba no mu ma quartier mu gisagara ca Bujumbura.
Umuvugizi w’umurwi utegura amatora CENI avuga ko abazokwitoza naho boba bafise imigambwe bavamwo,ariko bazokwitoza ku gatwe kabo,kandi ibisabwa baramaze kubishikana mu murwi itegura amatora mu makomine CECI.
Ku bijanye n’ikarata y’itora,Prosper Ntahorwamiye avuga ko itandukanye n’izakoze mu matora aheruka ,kuko iyizokora ubu ata kimenyetso kizoba kiriko,ariko hazoba hariko ibibanza bitatu aho bandika amazina y’abitoje.
Mwomenya ko muri abo batatu baja kw’ikarata y’itora ,uwa mbere aronse amajwi menshi ariwe arongora umutumba,abakurikira bakaba abahanuzi b’umutumba.
Van Naris Mugisha
Messages
5 Myandagaro 2015, 14:19, par nwari
Mbega ico kiracahari rondera umupaga
5 Myandagaro 2015, 14:41, par bongo
cni waragerageje heraheza ntakwutagize mukwiye nagashimwe baribabatoye bababonye kwatabwoba iyomuba mufise ubwoba mubamwarahunze mudakoze icomwahamagariwe
5 Myandagaro 2015, 15:32, par Falcon
Nta soni mugira mwaba CNDD-FDD.
5 Myandagaro 2015, 15:33, par Falcon
Nta soni mugira mwaba CNDD-FDD.
5 Myandagaro 2015, 21:48, par Hutsi
Uyumuntu yitwa Nwari avuze ivyimipanga nciyengira ikinya umubiriwose nsomye ivyoyanditse!. Sikindigitumye ngirubwoba nuko murikahise uwomupanga avuze warigenze kumpitarira abanjebeshi, ndibazako nuwubahutse akawucisha mukanwa mukuwukoresha ibidakwiye gukorwa nkukwo uwo Nwari abivuze nibazakwazohumirwa?.
6 Myandagaro 2015, 15:36, par freedom
ibibagize nivyo vyaribikwiye nokubashigamateka nabonyene bakiyamamaza bakabwira abanyagihugu ico bazobamarira apana gutora umugabwe mbe niwozokubaka ibarabara??
6 Myandagaro 2015, 22:32, par Mandey
Ceni Mukwiye Kugwiza Abakozi Kugira Amatora Ntazokwibwe Kuko Abatagira Imigambi Ubu Barikwiga Uko Bokwiba Amatora.
13 Myandagaro 2015, 17:23, par Ntampuhwe Issa
vangaho inimwe muteranyabarundi ibizobavyose birikugatwe kanyu