Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI : Bamwe mubazofasha guhagarikira amatora batanguye kumenyekana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI : Bamwe mubazofasha guhagarikira amatora batanguye kumenyekana

CENI : Bamwe mubazofasha guhagarikira amatora batanguye kumenyekana

vendredi 12 Nyakanga 2014

Mu mashengero bavuga ko bashimishijwe n’umukebukano bagiriraniye n’abarongoye umurwi CENI ujejwe gutegura amatora, ariko bakavuga ko babasavye kugerageza utunenge twabonetse mu matora yo mu mwaka w’2010 ntituze twibonekeze kandi.

Kubwa Sylvestre Bizimana umunyamabanga mukuru wa CNEB ( Conseil National des Eglises au Burundi) avuga ko bayaze neza, ndetse bemeye kuzotanga abantu bagera kuri bane, bazoja mu rwego rwo kurongora umurwi ujejwe amatora mu ntara. Avuga ko bazubahiriza ibitsina n’ubwoko mu gutanga abo bazobaserukira. Ikindi asaba, akaba ari ibikoresho vyoboneka hakiri kare, ndetse agasaba ko ubunenge bwibonekeje mu matora yo mu mwaka w’2010 butosubira.

Mukamenya ko muri iyo mibonano umurwi CENI uriko uragiriranira n’amashirahamwe yigenga hamwe n’amashengero, ishengero rya Katorika ritaratanga inyishu kuvyo ryasabwe vy’ugutanga abazoyiserukira mu mirwi itegura amatora mu ntara na komine. Uyo murwi ujejwe gutegura amatora, ukaba uriko wagirizwa n’abanyeporitike batandukanye na cane cane abahurikiye mu runani ADC Ikibiri rutavuga rumwe na CNDD-FDD, ko CENI uriko ukorera inyungu z’uwo mugambwe uri ku butegetsi. Ivyo vy’ukwagiriza ivyo uyo murwi, urwo runani rukabihurizako n’abakinyi ba poritike, bavuga ko bakumirwa n’uwo murwi.


Aristide Nizigire

Messages

  • abo nimba bazineza kwatacizere bafitiwe nabanyagihugu bakabazineza kobatazotsindi nibave mwihiganwa hakiri kare ntibazohengere batsinzwe NGO twari twavuze kocen ihengamye Uzi kwaribantaho MFA TWA nkumwana,ahiye mukwaha

  • Ewe sha CENI uri akayobarabahinga!Uri co kimwe na ANATOLE BACANAMWO atagira aho ahagarara.Asigaye ari cameleon hirya y’ejo ashigikira RWASA ejo Kenese uy’umusi Bigirimana.Mbonye ico uzi gusa ari UKWANGATWA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.