Accueil > Amakuru > Poritike > CENI imenyesha ko kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu bidashoboka
CENI imenyesha ko kwigiza inyuma amatora y’umukuru w’igihugu bidashoboka
vendredi 10 Mukakaro 2015
Umurwi utegura amatora CENI umenyesha ko ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ko amatora y’umukuru w’igihugu yokwigizwa inyuma kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro bidashoboka.
Umuvugizi w’umurwi CENI Prosper Ntahorwamiye avuga ko bisunze amategeko bakorerako,na cane cane ibwirizwa nshingiro n’ibiringo bisigaye,kwigiza inyuma amatora bizana ingorane kuruta uko vyozikiza.
Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko iryo sango ridashoboka kuko mu mategeko umukuru w’igihugu atorwa amaezi abiri imbere y’uko ikiringo ciwe kirangira vyanse naho bagafata ukwezi kumwe.
Umuvugizi wa CENI akamenyesha ko bafatiye kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro,kandi bitegekanijwe ko arahira igenekerezo rya 26 Myandagaro,ukwezi gusabwa ntigukwiye.
Mwomenya ko ivyo vyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu yabereye i Dar Es Salaam yagenye umukuru w’igihugu c’Ubuganda kuba umuhuza mu kibazo c’Uburundi.
Messages
10 Mukakaro 2015, 08:27, par Izobivuga
Nibavyiyamirize Bibandanirize Amatora Twarikukiye Ntaw Tugisaba!!
10 Mukakaro 2015, 08:28, par Izobivuga
Nibavyiyamirize Bibandanirize Amatora Twarikukiye Ntaw Tugisaba!!
10 Mukakaro 2015, 08:31, par RUHWA
NtitwavuZE,C,E,NI,,NIYUMUGAMBWE,BATEGUYE,UBUSUMA,NTIBUGARAGAYE,
10 Mukakaro 2015, 08:43, par karabaye
uwasomwe ningoga yegereye umugambwe cndd fdd tuzotora 15/07 /2015 ?twitorere indongozi
10 Mukakaro 2015, 08:45, par Scott
Uko kutumva kwanyu niko kugomba kujane igihugu mumuriro, Mwariye vyinshi ariko ibi vyovyo mugiye kubiruka ndabarahiye.
10 Mukakaro 2015, 08:50, par kelly
Nakubahwa umuvuz wa ceni bandany mutegur amatora twebw abanyagihugu nejo mutubwiy tuj gutor twogenda ntantwaro mfata kibanza dukeney ahubwo le15haras kuger twereka abo banyamahanga yuko vyos bishoboka
10 Mukakaro 2015, 09:06, par honore
Nakare umwana umwana atari bukure yopfa kare! Nibareke yavemwo kare!
10 Mukakaro 2015, 09:23, par niyongabo prosper
ramba abanyagihugu dukeneyeko twitorera umurongozi mukuruwigihugu kuwa 15/07/2015 ceni nukoyoreka abakaba barata umwanya kuko bawufise twebwentamwanya woguta dufise bazotangazwa..
10 Mukakaro 2015, 10:13, par Iribuka
Ariko hari abantu bavuga ibintu ,birutwa nivyabana bagihoha kandi bakuze ,mbega uko kwikukira kwokwica abantu kunyuruza amatungo yigihugu ni nyabaki ? hanyuma ngo abandi barorere gusa,mbega libiya ,irake,tiniziya.... unyumvira ntivyari vyikukiye,jewe kuva ntaho ndumva ntahorwamiye avuga ibinyuranye na nyabenda ariko bitegure ,iherezo ryabo rirashitse,kelly akogahimbo ufise kazohera ntawama ahaze kandi ntawama ashonje ,reka nkugezayo kuko ubwenge bwawe mbona ariyo bwoshobora kwakira
10 Mukakaro 2015, 10:38, par christian ndayongeje
Ceni yubu irahantu hagati yikinogo nuruzi .itaguy mukinogo ishobora gutwagwa nuruzi.ndumva barya bagabo twobasenger.
10 Mukakaro 2015, 10:39, par Minani evariste
Turashimye ingingo yaraye ifashwe na CENI kuko barazi ko tutakiri mubukoroni kuko ntidutwarirwa hanze yigihugu kuko demokarasi ndadaye yarwaniye niyi yo gufata ivyemezo .AMATORA AZOBA MEZA CANE.
10 Mukakaro 2015, 10:39, par Minani evariste
Turashimye ingingo yaraye ifashwe na CENI kuko barazi ko tutakiri mubukoroni kuko ntidutwarirwa hanze yigihugu kuko demokarasi ndadaye yarwaniye niyi yo gufata ivyemezo .AMATORA AZOBA MEZA CANE.
10 Mukakaro 2015, 11:29, par Truth Against Injustice
Rwasa ni we yavuz ko aya matora ko ar inkinamico ntiyabesh ni elections theatrales vrma.non muzofat ik murk ik?amator amaz kwgezw inyuma hafi 4 fois,non ntimubon k’ar’ amotor yo kuyymvya?ubwambr nibabanz big ku kibazo ca 3è mandat itmw hama big ibind après.ceni ww usa n’uwur mu maboko ya Nkurunziza.
10 Mukakaro 2015, 12:01, par Aone
Basha Itavyay Inyana Ngira Izovyara Ishuri;mumbarr Hagati Y’ubugiriki N’uburundi Nikiy Gihugu Coba Cari Cifash Gusumba Ikindi?
10 Mukakaro 2015, 12:22, par bison
ceni ndayemeye pe kuko nayo nyene ntiyorohew pe.ivyuburundi bishoboy Imana gusa
10 Mukakaro 2015, 12:27, par Nyamitwe
Ico ni iciyumviro ca jewe NYAMITWE CENI ntangingo ifata ntavyo ishoboye, ni twe na dolfo dutegeka abandi barakurikira
haha!
10 Mukakaro 2015, 16:45, par Niyomwungere benjamin
ihangane barundi ntamvur idahita.kandi ALLAH arashoboye
10 Mukakaro 2015, 17:11, par fidelite
Mais oui bien sur ntibishoboka,turayakora yose tuyakure mu nzira un point c’est tout.
11 Mukakaro 2015, 09:48, par janvier
era ntakamaro ko kuyegeza inyuma kk bzyogiza inyuma baganire ariko reta ikavuga ko izoja mubiganiro amatora boba bakiganira iki amatora nibayakore ntakibazo
11 Mukakaro 2015, 10:09, par NTAKARUTIMANA GERARD
VYIZA AMATORA AKWIYE KUBA LE.15.7.2015 KUKO NAHO MWOKWIGIZINYUMA GUTE NTIBOYITABA BOSE,CENI IRAFISE ABAHINGA BUKURI,MURABE RERO IGIHUGU NTIGISUBIRE MUBASHAKA INTWARO Z,AMAGABURANYAMA.TUGIRE CHRISTU.
11 Mukakaro 2015, 16:26, par J.Leuk
Birumvikana Neza Ko Ntahorwamiye Ataciza Ashakira Uburundi N’abarundi.Iryo Bwirizwa Nshingiro Yitwaza Yarisenyuye Igihe Yakira Dossier Ya Nkurunziza Yitoreza Mandat Ya 3.
11 Mukakaro 2015, 17:38, par KIRIMWABAGABO NESTOR
MWE BIGABO AHO NTIMWIBAZA KO ARI MWE MUYOBORA ISI?NAWE MINANI UMENYE KO CENI ATARIYO IFATA INGINGO!
11 Mukakaro 2015, 17:39, par KIRIMWABAGABO NESTOR
MWE BIGABO AHO NTIMWIBAZA KO ARI MWE MUYOBORA ISI?NAWE MINANI UMENYE KO CENI ATARIYO IFATA INGINGO!
11 Mukakaro 2015, 18:08, par stanley
il faut dire clairement a Mr Nkurunziza qu’il doit retirer sa candidature pas des negociation sur ça vouloir ou pas
11 Mukakaro 2015, 22:06, par obee
Ubwoba ceni ifise nubwiki?itinyako haba intwaro mfatakibanza,kuko hoja ceni nshasha ivyubusuma bakora bakabifatanwa!!
12 Mukakaro 2015, 10:47, par RWEMBE
ABAGIZE CNI NIBO BDUFATIYE AMABOKO IMUGONGO. RINDIRE NAMWE MUZOKABONA!
12 Mukakaro 2015, 10:51, par KAZUNGU
MBEGA INDIMI 2 ZA CENI! BURYA NTUBONA KO ITEGEKWA NA NKURUMBI? YAYUNGURUJE KUKO NIWE AJEJWE GUSENYURA IVYO ATUBATSE. YARAMAZE GUSENYURA CNI.
12 Mukakaro 2015, 10:52, par KAZUNGU
MBEGA INDIMI 2 ZA CENI! BURYA NTUBONA KO ITEGEKWA NA NKURUMBI? YAYUNGURUJE KUKO NIWE AJEJWE GUSENYURA IVYO ATUBATSE. YARAMAZE GUSENYURA CNI.
12 Mukakaro 2015, 11:24, par MUSA FUNDI
REKAMATORA ABE UWANKAMAHORO NAWE ABONEKE.