Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD wikuye mu migwi itegura amatora mu ntara
Umugambwe MSD wikuye mu migwi itegura amatora mu ntara
mardi 14 Gitugutu 2014
Mu gihe abatowe n’abagize umurwi CENI kugira baze barongore amatora yo mu mwaka w ‘2015 barahiye kuri uwu wa kabiri, umugambwe MSD waraye ukuye akarenge muri abo bazohagarikira amatora mu ntara.

Mw’ikete umugambwe MSD washize ahabona, bagiriza umurwi CENI kuba warakengereye uwo mugambwe mu kubaha abantu batanu mw’164, ndetse n’abari barimwo mu nyuma bahava barakurwamwo. Aha bikavugwa ko mu ntara ya Gitega, aho abari bashizwemwo bava mu mugambwe wa MSD bakuwemwo bivanye n’uko hoba harabaye ukwihenda ku moko.
Umugambwe MSD rero ukaba wahawe abantu batanu gusa mu Burundi bwose, ariko bikavugwa ko hoba hari hasigayemwo batatu. Uwo mugambwe ukavuga ko ayo matora ariko ategurwa nabi, ariko uko biri kwose, bemeza ko batazoreka kuiyitaba. Ariko naho biri uko, iyindi migambwe yo irashima naho amwe mu mashirahamwe hamwe n’imigambwe itandukanye banegura izo ntonde za CEPI.
Mu mugambwe UPRONA ishami ryemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, bavuga ko CENI yagerageje uravye abantu bari ku ntonde kugira baze bashirwe muma CEPI. Concilie Nibigira yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko ariwe arongoye umugambwe UPRONA, avuga ko amashirahamwe, imigambwe yose, amashengero yose, hamwe n’abari mu ntwaro bose batari guherera muri izo ntonde, ku buryo mu mugambwe UPRONA babona ko uwo murwi igikorwa wakoze atari ico kunegura.

Aristide Nizigire
Messages
14 Gitugutu 2014, 15:44, par Emery
Nibigira ntakundi yarikuvuga kuko turaziko arikukazi ka CNDD FDD rero ategerezwa guca amafranga bamuhaye nico gituma avugako ceni yabigize neza rero ceni irimwo amahinyu adasanzwe .
14 Gitugutu 2014, 16:35, par matana
CENI Irahengamiye kuri dd ahubwo Bakwiye kuyivamwo bakaja kwitoza Muri DD
Bakabisa INVUGA KURI muburundi ni nyishi.
14 Gitugutu 2014, 16:46, par Nahigombeye
Mwabonye babagabo ngabo baratanguye ejo naho ngo babivye!
14 Gitugutu 2014, 21:18, par ndayizeye
nohanura iyindi migabwe irimukibiri ntihave igira ukwishavu rigize nayo imere nka MCD nigumemwo amatora yoyo yamaze kwibwa biragaragara abababishoboye dusengere igihugu .
14 Gitugutu 2014, 22:16, par BWARIKINDI
aho baratanguye kwiyotsa coba. mugutangura kwikuramwo hataragera ntacobanze! nibagumehamwe. none abo uwobizera ninde kobatanguye gurtyo! urukino ruratanguye. tubarabe. turabazi
14 Gitugutu 2014, 22:33, par Ntacontemanga!
Uwomututsikazi we yarayinze!Ameze nkabahutu bakera!Erega naho woshima, woshima mukigamba!Ngo vyose nisawa!Nibara!
16 Gitugutu 2014, 15:11, par hatungimana fabien
Uravye neza CNI ntaho itaniye numugambwe uri kubutegetsi.Barasemerera nawo ugatwenga ukicinzehe ugaca wibandaniriza umugambi wawo.Akarero wosigura gute kwihenda kuri MSD ntibihende kuri CNDD FDD?Gushira muri CPI umugambwe udakorera muri iyo ntara?ntubona neza ko ufise umurongo uriko ukorerko?wihenze gato urondera amayeri ugaca uhindura.Ariko urabesha,tuzoja mumatora.