Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI ivuga ko ingingo ya Katorika ataco ihindura mw’itunganywa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI ivuga ko ingingo ya Katorika ataco ihindura mw’itunganywa (...)

CENI ivuga ko ingingo ya Katorika ataco ihindura mw’itunganywa ry’amatora

vendredi 29 Rusama 2015

Inyuma y’aho inama nkuru y’abepisikopi b’ishengero katorika imenyeshereje ko yakuye abayiserukira mu mirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara CEPI no mu makomine CECI,mu murwi CENI bamenyesha ko ivyo bitababuza kubandanya gutegura amatora.

Prosper Ntahorwamiye avugira umurwi CENI,yabwiye iradiyo y’abanyamerika Voix d’Amerique ko kuba ishengero katorika ryavuye mw’itunganwa ry’amatora bifise insiguro za politike, ariko ko mu bijanye n’ubuhinga ata kibuza ko babandanya gutegura amatora.

Umuvugizi w’umurwi CENI yavuze ko abapatiri 11 ku bapatiri 163 bari mu mirwi CEPI,hamwe n’abantu 33 ku bantu 645 bagize imirwi CECI,aribo bavuyemwo kandi bidashobora gutuma igikorwa co gutegura amatora kitabandanya.

Prosper Ntahorwamiye akavuga ko iyo ngingo y’ishengero Katorika mu Burundi ataco ihindura mw’itegurwa ry’amatora ,kuko igitigiri co gufata ingingo kirekuwe n’amategeko gikwiye.

Ku ruhande rw’abatavugarumwe na Reta bamenyesha ko amatora yimirije ashobora gukwegera akarambaraye igihugu, mu gihe umurwi CENI utokwihutira kwigiza inyuma amatora, no kurondera abatunganya amatora bizewe na bose.

Mwomenya ko mu ntango z’ukwezi kwa gatanu,ishengero katorika ryari ryamenyesheje ko rishobora kuva mu mirwi itegura amatora mu ntara no mu makomine mu gihe ikiringo c’amatora kitokwigizwa inyuma.

Messages

  • Mbe abo ba CN biyuviye ko ari y amatora y 2010 bigiriye uko bigombeye kimwe imitwe yabo yose yaratekurutse ico nomubwira aya matora ahatirako agomba kumara abarundi gusa kuko ntamatora mu burundi ariyo kuko ntamategeko akiriyo umumwe yigirira ivyo ayiyuviye kimwe mpanura uwo wa CN nate yomoke arekure kuko ayamatora adahitanye umusenzi wikinyoma ahitana we kandi nivyo yarire azobiruka kimwe ayo matora nayakore azoyemerwa numuryango wa CN hamwe nawa munyabinyoma gusa mbe iyo reta izoca iko riki

  • NANGWA NUKO BENSHI BATABIZI NTAHO EGLISE CATHOLIC IKUNDA IVYIZA,N AMACAKUBIRI ABO BAKURU BAYO BESHI ARABUZUYE.IVYO RERO NTIBIBATANGAZE.

  • iyo ceni vyayinaniy naho iguma yihagararako,iriko ikorera ku mategeko ya nkurunziza,reka amakungu yitwengere,dufise abategetsi bakunda inyugu zabo gusa.uburundi ntiburaronka abetegetsi babukunda

  • have ntebe ntwenge uti amenyo aguseka arayawe basha igihugu kigeze kure

  • Uyo mugabo prosper ari mubivye n’amatora ya 2010.nubu yiyemeje kwongera kuyibira aba dd ga yemwe!!ariko arabe neza ntibizohave bimukorako.abo turazi aho tuzobafatira.bazovyishura

  • Amatora agombabe kandi bizotangaza beshi kw’Isi nzima. Ndababwizukuri umuntuwese avugako ayamatora atoba numwansi wu Burundi na barundi, kuko mugihe inzego zitorewe nabenegihugu ikirungo cazo cohera hobingorane zikomeyecane mugihugu kuko murabonako ubutuvugako twifitiye inzego twitoreye tukavyemeza mubasi nabakunzi kandinabotwitoreye barabizi kobahari kubera bitorewe nabanyagihugu. Musubiyerero inyuma mukareba ukuntu abitorewe nabenegihugu bacurikwa bacuranurwa nivyaduka, camwibaza igihe hobaharangiye ikiringo batorewe uko vyocabimera!? Banyakwubahwa tugirireningonga twitorere indongozi zizoturongora iyindimyaka itanu. Ndababwizukuri hakubamugihugu kitagira indongozi zirorewe nabenegihugu, twopfuma duzitora urwamo rurihejuru ariko bakazohangana nabasibabo bazimo bitorewe nabenegihugu, mumenyeko hariho abasotera kwaka ububasha abenegihugu kugira bazanevyabindi vyitwango turagushizeho vyimfatakibanza ahorero ntamunyagihugu ahagirira ijambo. Please power to the people in Burundi

  • reka hanuke kko ico imana yavuze ntigihinduka pe !ahubwo duseng gose ivyavuze bishike amen

  • NONE CEN NIYOITIYAMIRIZA IKIRINGO CA 3 CUMUKURUWIGIHUGU IVYOBINTU BIRINWAMAHINYU IMYIYEREKANO PIERRE NKURUNZIZA NTACO IMUBWIRA? NAHANUGWE YUNVE GUSA BENADOROFE BARARIYE IBINTUBIBARINONE CEN NIYOITIYAMIRIZA IKIRINGO CA 3 CUMUKURUWIGIHUGU IVYOBINTU BIRINWAMAHINYU IMYIYEREKANO PIERRE NKURUNZIZA NTACO IMUBWIRA? NAHANUGWE YUNVE GUSA BENADOROFE BARARIYE IBINTUBIBARINDISHA

  • nukuri ceni nikuremwo akarege mumaguru masha umuriro utaraka kuko iyo cen ya pierre nkuruziza twebw wapi hama ahubwo bogira rimwe bagakuromwo akarege bose hamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.