Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI : Abazotora bahawe isango ryo kwiyandikisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > CENI : Abazotora bahawe isango ryo kwiyandikisha

CENI : Abazotora bahawe isango ryo kwiyandikisha

samedi 15 Munyonyo 2014

Mu murwi CENI utegura amatora bamemenyesha ko guhera ku genekerezo rya 24 Munyonyo ariho abarundi bakwije ibisabwa n’amategeko bazotangura kwiyandikisha mu gihugu cose.

Abarundi bakwije ibisabwa n’amategeko batewe akamo ko kuzokwitaba ibikorwa vyo kwiyandikisha bizotangura kuwa 24 Munyonyo. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’icegera c’uwutwara umurwi ujejwe gutunganya amatora ku rwego rw’igihugu CENI (Commission Electorale Nationale Indepéndante ), umupfasoni Spès Caritas Ndironkeye, mu nama yagiranye n’abasanzwe bajejwe gutegura ayo matora.

Ibibanza bishika 3000 akaba arivyo biriko birategurwa kugira bizoberemwo ivyo bikorwa vyo kwandika abazoja mu matora. Impande y’ikarata karangamuntu, umurwi CENI umenyesha ko n’ibindi bipapuro nk’igitabo c’inzira (passport) kirashobora kwemerwa, hamwe n’ikarata y’igisoda, ikarata yo kwivurizako, ivyo vyose birashobora kwakirwa.

Tubamenyeshe ko ico gikorwa co kwandika abazokwitoza kizohera kuwa 7 Kigarama 2014.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.