Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CENI: Umugambwe CDD-FDD uza imbere n’intebe 77 z’abashingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI: Umugambwe CDD-FDD uza imbere n’intebe 77 z’abashingamateka

CENI: Umugambwe CDD-FDD uza imbere n’intebe 77 z’abashingamateka

mardi 7 Mukakaro 2015

Umurwi utegura amatora CENI umenesha ko ivyavuye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yabaye kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi vyerekana nko umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD ariwo ufise intebe nyinshi mu nama nshingamateka.

Mw’itangazo ry’umurwi CENI ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 7 Mukakaro 2015,mu murwi CENI bamenyesha ko umugambwe CNDD FDD watsindiye intebe 77 ku ntebe 100 zitegekanijwe mu nama nshingamateka.

Mu gihe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bari basavye abanywanyi babo kutitaba ayo matora,umurwi CENI wamenyesheje ko urwo runani rutigeze rusaba uwo murwi gukura intonde z’arwo ku bitoza.CENI ivuga ko urwo runani rufise intebe 21 mu nama nshingamateka.

Intebe zibiri zisigaye zahawe umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira.

Mwomenya ko abatavuga rumwe na Reta bagumye bamenyesha ko ata matora yabaye,kuko ivyasabwe n’akarere hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu ntumbero yo gutunganaya amatora abaye mu muco ,yitabwe na bose kandi abaye mu mutekano,Reta y’Uburundi itigeze ibikurikiza.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ciramnda serve aux na jaque bigirimana umugambwe wabo ntanigice cintebe waronse?

  • ahaaaa birakomeye mbega jeacque sexe!! ewe aba dd ninkuru kabisa muga icondareye nukwereka konsiriya na yakobo kwataco bamaze gwasa ndagusavye ntugwe mumutego ntamatora waroyemwo Gaston sindimwo (imigumuko )ahubwo babahaye beshi iyo babaha inusu mwarahemukiye aba pornos. ejo niheza rindira buca twikurako nkurumbi ayomanyanga twarayahinyuye!!!

  • CENI nimugez aho ayo manyanga yanyu.mumeny ko ivyo mukora amakungu asemerer ko batavymera eka nabarundi baguma basemerer ko atamatora yabay muragow kuk muriko mwishira umug6z mwizosi hamw ubutngane bwo nra muzofungirwa irahe.nimwikebuk murek gukorera kumanyanga kk muzokwicuza ico mwabikorey.p6 mukwiy kwisubirako!!!

  • Abar mumurw utegr amatora bose nabaswaganye ntamatr yabay kad ayo majw bahay imigambw cank inan itavunga rumw naret ntayo baros kuk abanwany babo ntitwitamvye amatora CENI urumubishi

  • Ko Eduard nduwimana afis amanyanga,ntiyoha Jacques inteb nimw?yamuhay umugambw ntiyamuha abanywanyi?noneho ntamatora yabay ayo n’amajwi ceni yategetsw na cndd fdd,biboneka ko ceni yagomvy guha cndd fdd igitigiri c’abashingamateka bakwiy batora amategeko,huo ni mchezo wa ndani,lakini mchezo wa nje hawaujuwi tena utawatawala.

  • Eweeee CENI urateye isoni, none aho uriko urabwira bande? Somera shobuja apana abarundi kuko yaba mwebwe, hagowe uwabatumye imisi yanyu iraharuye muyarye musubire ariko isaha nimwe gusa mubikore mubizi.

  • emma

    CENI komeza ibikogwa kuko urashoboye kandi abarundi turagushigikiye. Erega pita nkurunziza niwe mukuru wigihugu abarundi dukeneye, kuko arashoboye gutwara igihugu. Jewe Kandi ndizeye ko nayandi tuzoyatsinda bitagoranye, abagwaye imitima barihangana

  • yakobo we wari kubanza ukabaza ndayicariye ko muri ya majwi yahora abitse muri mudasobwa ko urimwo. Jeho nibaza ko mwe Gaston muzoronka nkintebe nka cumi cumi . Kumbe mwashirisoni ONU mutagira n’abanywanyi?

  • toto
    ayo majwi ntaco azobamarira mwashaka muba mwiha ijana. mwebwe mwese muri ibibono muhereye kuri adolphe umuhanuzi wanyu.

  • Cndd-Fdd yoreka kuza gute imbere kandi ariyo yitora ikishira no ku murongo. Niko bizogenda no mu matora ya Nkurunziza et non y’Igihugu... Il sera proclame vainqueur kandi ata numwe ariko arahiganwa nawe. Abo barikumwe Uprona Conciliya, FNL Bigirimana na Copa ni ibikingirizo kugira atambuke atawumukoma... Ebana, narye ntawe bacuranwa, ariko amenye ko imisi y’igisuma ari 40 .

  • Iyo CENI ivuga ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rufise intebe 21 mu nama nshingamateka kugira babahume amaso canke bakurure les corruptibles de l’Alliance muri Gouvernement, kandi Nkurunziza azobabona igitwengeje, attendez voir.

  • mdatanga zwa!numuntumweyishurirabarundibosengontitwatoyewansegutoracugiranabanditibatoyetwaratoye-0dusigayekwemezaperezida,nawebarawuciyeamasoyibikeremtabuzabavomakuvomaamajwinkayoyarikuvahehetutatoye

  • Iyi niyo Democratie. Abarundi benshi bizeye ko Rwasa na bagenzi be batitesha izo ntebe 21.Mubuzima chance iza rimwe gusa ntibayiteshe birire ku giceri aho kurya impungure mumakambi!!!

  • Ntamatora Yabaye Bigiriye Ivyiwabo Kanatsinda Ntanumwe Yabahinyuza Kandi Ntanumwe Bahiganwa Ayo Manyanga Yabo Azohinyuka None Uwo Mugabo Yibaza Ko Uburundi Ari Icibare Ciwe Canke Yibaza Ko Ari Mwitongo Kwa Se.

  • Nta gishasha twari twiteze.

  • ukinda ugaramy cank wubama cndd fdd nibayireke yarakunzwe .iteka aho ryamye .

  • Ako ni akamuna???Jacques ww vyagenze gute????Bamwibagiye????

  • CNDD-FDD songamber wew wiyita ubugaboburihamw ndumv wew murkumw na bapasifique rwasa naw poritik yamunaniy non azoguma yanka amator gushika ryari?abamutoy abita ibijuju niyank tuzomuva inyuma nakar ntaco atumariy ahubwo nikwiga amashur mak yaramutey ubujuju CNDD-FDD iyonger intsinzi

  • imananinku kubonamatora yagenzeneza! nubunukwonyene bakinda bagarama nubunimpaga komera peteronkurunziza gumakwivora turinyumayawe

  • Umwansi akwimbira icobo Imana ikagucira icanzo kandi imigambi y’abantu siyo y’Imana.Uburundi Imana ishishikare kubucungisha abamarayika kugira ntibuzokwigere bugwa mw’isanganya.

  • MUBISANZWE AMATORA NIMEZA.KUKWABARUNDI BAKENEYAMAHORO ABO BASABA KUYIGIZINYUMA ABARUNDI BIBATERUMUBABARO NOKURUHA BAKABURICO BARIBUKORE BATAVYEMERA ABAZOBA BAKENEYE GUTWARA BAZOTWARA.MUGABO UMENGA MUVYINTEBE HARIMWAMAHINYU<!>.

  • Mbe Jacques Na Mutabazi Bobo Boba Barons Inteb Zingahe?Murabwir Abakozi Ba Ceni Babarabire Neza....Ubwo Jacques Yabony Ko Ataho Ahuriye Na Rwasa!..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.