IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI : Urutonde ntabanduka rw’abarongora CEPI rwasohotse

CENI : Urutonde ntabanduka rw’abarongora CEPI rwasohotse

samedi 11 Gitugutu 2014

Urutonde ntabanduka rw’abagize umurwi utegura amatora mu ntara zose z’igihugu rwasohotse, aho amazina amwe yahindutse.

Muri ayo mazina yahindutse, intara ya Cankuzo uzorongora umurwi ujejwe gutegura amatora ni SEBUSHAHU Valérie mu gihe hari hagenywe Alice INABEZA, intara ya Gitega ni BAKUNDUKIZE Lumula yasubiriye NGABIRANO Jacqueline, intara ya Muyinga ni patiri MINANI Jean Chrysostome yasubiriye KAMARIZA Goreth, uyu nawe akaba yaciyeaba icegera c’umukuru wa CEPI Muyinga. Muri urwo rutonde nyene, mu gihe NAYABANIRWA Spès atabaho ku rutonde, yaciye asubirirwa na NTIBACARUKE Charlotte intara ya NGOZI, NINYIBUKA Languide yahora ariwe arongoye umurwi CEPI yasubiriwe na NDAYISABA Odette.

Mukamenya ko urwo rutonde rusohotse, inyuma y’aho hagaragarijwe amakenga y’abari muri uyo murwi ujejwe amatora mu ntara.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.