Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrica : Umuhari Seleka warahiye ko utinjira muri Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrica : Umuhari Seleka warahiye ko utinjira muri Reta

Centrafrica : Umuhari Seleka warahiye ko utinjira muri Reta

mercredi 13 Myandagaro 2014

Inyuma y’igenwa ry’umushikiranganji wa mbere mushasha muri Centrafrika, Mahamat Kamoun, umuhari Seleka urarahira ukarengwa ko utarota uja muri Reta yiwe kuko utamwemera.

Ubicishije ku muvugizi wawo, Abou Mal Mal Hissène, umuhari Seleka wahoze urwanya Reta ya CentrafriKa, umenyesha ko utagiye kuja muri Reta irongowe na Mahamat.
Imwe mu mvo zitangwa na Seleka n’uko ivyiyumviro vyawo bitigera bifatirwako mu ngingo zitangukanye zifatwa.

JPEG - 123.9 ko
Abou Mal Mal Hissène, umuvugizi wa SELEKA

Kubw’umuvugizi wa Seleka, batangazwa n’uko umukuru w’igihugu mfatakibanza wa Centrafrika umupfasoni Samba Panza atigera yitaho ivyiyumviro vya Seleka mu gihe ariwo ugenzura igice kinini c’ico gihugu. Yongerako mbere y’uko igenwa ry’umushikiranganji wa mbere yitwa ko akomoka muri Seleka baryumviye mu binyamakuru vyo mu makungu.

Intandaro y’ivyo vyose, akaba ari kuva kuri uwu w’Imana mu gatondo, aho umukuru w’ico gihugu yagena uwahoze ari umuhanuzi adasanzwe mu biro iwe Mahamat Kamoun, kuba umushikiranganji wa mbere wa Reta ya Centrafrika.


Jean Michel Ndakengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.