Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika: Abashikiranganji batavugarumwe na Leta biyemeje kuguma (...)
Centrafrika: Abashikiranganji batavugarumwe na Leta biyemeje kuguma k’ubutegetsi
mardi 2 Ndamukiza 2013
Abashikiranganji bashika kuri batandatu muri icenda batavuga rumwe na Leta harimwo umushikiranganji wa mbere Nicolas Tiangaye, baremeje ko bagiye kwifatikanya na Leta y’ubumwe muri Centrafrika mugihe kuri uyu wambre kumugoroba,urunani rw’imigambwe n’amashirahamwe ya politike bitavuga rumwe na Leta vyari vyatanganje kudasubira gukorana na Leta .
Abarongoye umugambwe w’umushikiranganji wa mbere Tiangaye akaba ari n’umuhari MPLPC(Mouvement du Liberation du peuple centrafricain),umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Leta, barasinye ivyo bipapuro vyemeza ko babikoze kugushaka kwabo.
Icegera c’umukuru w’umuhari MLPC,Marcel Loudegue yaremeje nawe kuri AFP kwagiye kwifadikanya hamwe na Leta.
Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013, niho Leta y’ubumwe bw’igihugu irongowe n’umushikiranganji wa mbere Tiangaye yashingwa.Ikaba igizwe n’abashikiranganji 34, harimwo abashikiranganji icenda bava m’urunani rw’abaroberi Seleka ruri k’ubutegetsi haraciye indwi, na munani bavuye mubahoze batavuga rumwe na Leta.
Mariella Bukuru