Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Ingorane ziracahanze Reta y’ico gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Ingorane ziracahanze Reta y’ico gihugu

Centrafrika : Ingorane ziracahanze Reta y’ico gihugu

mercredi 20 Myandagaro 2014

Ingorane ziracari zose muri Reta y ‘igihugu ca Centrafrika, mu gihe Reta y’ico gihugu itagira umushikiranganji wa mbere, uwari yagenywe n’ubu akaba atarahurizwako na bose.

Mahamat Kamoun yari yagenywe ku wa 10 Myandagaro kugira abe icega c’umukuru w’ico gihugu, kugeza n’ubu ntaremezwa n’inama nshingamateka. Umukuru w’inama nshingamateka y’imfatakibanza y’ico gihugu ca Centrafrika, akavuga ko uwo Mahamat Kamoun atarahurizwako na bose, ndetse igitigiri cotuma atangura amabanga yiwe, kikaba kitarakwira. Alexandre Ferdinand Nguendet umukuru w’inama nshingamateka vy’imfata kibanza, akavuga ko hokorwa ibishoboka vyose, hakaboneka umushikiranganji wa mbere mu maguru masha, kugira ashireho Reta.

Mwomenya ko ico gihugu ca Centrafrika kimaze iminsi kiri mu ndyane z’urutavanako. Ibihugu bitandukanye vy’Afrika harimwo n’Uburundi, bikaba biriko birakora ibishoboka kugira amahoro muri ico gihugu aboneke.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.