Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Ishirahamwe PAM ryakoresheje indege mu gutanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Ishirahamwe PAM ryakoresheje indege mu gutanga (...)

Centrafrika : Ishirahamwe PAM ryakoresheje indege mu gutanga imfashanyo

jeudi 13 Ruhuhuma 2014

Kubw’umutekano muke uharangwa watumye n’amabarabara adahita neza, abanyagihugu nabo begera ku miriyoni zbiri n’igice bugarijwe na kigoyi. Ishirahamwe PAM ryahisemwo gukoresha indege mugutanga imfashanyo ku banyagihugu bo muri Centrafika.

Indege yo mu bwoko bwa Boeing 747 yo mw’ishirahamwe ONU, kuri uyu wa gatatu wa 13 Ruhuhuma 2014 niho yashika i Bangui ije yikoreye amatoni 82 y’umuceri ikaba yari ije iva I Douala mu gihugu ca Cameroun.
Mw’itangazo ishirahamwe PAM ryasohoye, rivuga ko ibiteguwe vyose kuja muri Centrafika, bigera ku matoni 1800 y’imfungurwa z’intete, bikazotegerezwa kugaburira abantu 150 000 ku kiringo c’ukwezi, kandi bikazoshika muri Centrafrika bizanywe n’indege.
N’aho muri kino gihe bitoroshe kwinjira muri Centrafrika kubw’umutekano muke uharangwa, ishirahamwe ritanga imfungurwa PAM rivuga ko mu gikorwa ryishinze, rikora ibishoboka vyose kugira ritabare abishwe na Kigoyi.

Denise Brown, umuyobozi w’akarere ka Afrika y’uburengero mw’ishirahamwe PAM agira ati : "Twatandukiriye inzira yo mu kirere n’aho bitwara amafaranga menshi, kuko atayindi nzira ihari. Nivyankenerwa kuri twebwe kuba dushobora kwishura ibibazo vy’abanyagihugu bishwe na kigoyi bivuye ku ntambara n’ubukene birangwa mu gihugu. Ni ngombwa kandi ko dutunganya tugategura hakiri kare ibifungurwa bizofasha uduce tutoroshe gushikamwo imbere y’uko imvura itasura."

Kubw’ishirahamwe PAM, kwinjiza imfashanyo z’imfungurwa muri Centrafrika hakoreshejwe imiduga, nta cizere gihari ko bishobora gushika vyongere bitangwe mu mahoro. Antonio Guterres, komiseri mukuru avugira impunzi mw’ishirahamwe ONU, kuri uyu wa gatatu wa 12 Ruhuhuma yamanyesheje ko ababaye no kubona hari abanyacentrafrika bagera ku bihumbi 500 bateshejwe izabo kuva mu kwezi kwa Kigarama 2013 gushika n’ubu batagira ic’epfo na ruguru.

Nk’uko vyashikirijwe na Antonio Guterres, gushika ubu, igitigiri c’abatagira aho bakika umusaya, kandi bakeneye imfashanyo muri Centrafrika kigeze ku miriyoni zibiri n’igice.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.