Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyemejwe na (...)
Centrafrika : Ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyemejwe na Sentare
mercredi 2 Ntwarante 2016, par
Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya kabiri yabaye kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2016, sentare nkuru yemeje ko Faustin-Archange Touadéra ariwe yatsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Centrafrique.
Faustin-Archange Touadéra asanzwe yarigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Centrafrika yatsinze ku majwi agera ku bice 62,69 kw’ijana, mu gihe uwo bari bahanganye, Anicet Georges Dologuélé yatahukanye ayagera kuri 37,31 kw’ijana.
- Faustin-Archange Touadéra asanzwe yarigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Centrafrika
Amatora y’abashingamateka akaba ariyo ariko arategurwa, ku ncuro ya kabiri, ivyayavuyemwo bikaba bizomenyeshwa kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante 2016.
Faustin-Archange Touadéra yavukiye i Bangui mu gisagara ca Centrafrique, mu 1957. Yabaye umushikiranganji wa mbere wa Centrafrika ku butegetsi bwa François Bozizé kuva mu mwaka w’2008 gushika mu 2013.
IGIHE
Messages
2 Ntwarante 2016, 09:23, par Batwenga
Ok Sawa! Uburundi Nibindi Bihugu Bifiseyo Ingabo Nibazikureyo Vyihuta: Abuburundi Nibaze Duhashe Abajene ba Cibitoke Kuko Ntakinga Ntamoto Na Bajaje Vyinjirayo.
2 Ntwarante 2016, 20:18, par cuma
Turashimy’ukuntutwumva.Amatora.Agenzeneza,izosentarezikorenezantizikorenkizomuburundi
2 Ntwarante 2016, 20:25, par MVUMBUZI
Nandikiyebatwengambegacibitokeniyoyiciyabantumuruvubu