Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Reta nshasha yabonetse inyuma y’impari ndende
Centrafrika : Reta nshasha yabonetse inyuma y’impari ndende
samedi 23 Myandagaro 2014
Naho hari habaye impari ndende kw’igenwa rya Mahamat Kamoun kuba umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Centrafrika, Reta nshasha y’abantu 30 yaraye igenywe.
Aganutse avuye mu rugendo rwamushikanye mu gihugu ca Angola, Catherine Samba Panza akaba yamenyesheje ko umushikiranganji wa mbere aguma ari Mahamat Kamoun, kandi asabwa kumenyesha abanyagihugu ku mugaragaro abagize Reta yiwe. Mahamat Kamoun rero akaba atatevye kuyivuga, iyo Reta igizwe n’abantu 30, muri abo hakabamwo abanyamabanga babiri ba Reta aribo Marie Noëlle Ande Koyara na Aristide Sokambi. Muri iyo Reta yabonetse bitoroshe, ikaba irimwo na bamwe mu bari mu mihari irwana nka Seleka. Mwomenya ko muri abo bashikiranganji bose bagenywe, harimwo bamwe mu bahoze bari muri Reta yari ihasanzwe.
Umuhuza muri ayo matati y’igihugu ca Centrafrika Denis Sassou Nguesso, agasaba ko iyo Reta yokora ibishoboka vyose, igatsimbataza amahoro,maze intambara ziri muri ico gihugu zikarangira.
Aristide Nizigire