Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika : Umumenyeshamakuru w’umufaransa yatowe ikiziga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Umumenyeshamakuru w’umufaransa yatowe ikiziga

Centrafrika : Umumenyeshamakuru w’umufaransa yatowe ikiziga

mercredi 14 Rusama 2014

Umumenyeshamakuru w’umufaransa, Camille Lepage yagandaguriwe muri Centrafrika, mu burengero bw’ico gihugu, aho yari yagiye mu kazi kiwe ka minsi yose.

JPEG - 37.1 ko
Ikiziga ca Camille Lepage catowe n’abasirikare b’abafaransa

Ikiziga c’umumenyeshamakuru Camille Lepage w’imyaka 26 yatowe ikiziga n’abasirikare b’abafaransa bariko barakizura, bikavugwa ko yoba yagandaguwe n’abarwanyi begukira Anti-balaka, mu karere ka Bouar.
Amakuru atangwa n’umwe mu basirikare b’abafaransa avuga ko Camilla Lepage yatowe ikiziga kuri uwu wa kabiri amaze iminsi ibiri agandaguwe n’abarwanyi ba Anti-balaka, bakaba boba bamufashe aguye mu mutego wabo, aho yari kurondera amakuru muri ico gihugu. Amatohoza yamaze gutangura kugira imvo z’urupfu rw’uwo mumenyeshamakuru w’umufaransa Camilla Lepage zimenyekane.
Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, François Hollande amenyesha ko azokoresha uburyo bwose bushoboka kugira abagandaguye uwo mumenyeshamakuru bahabwe igihano bakwiriye.

Camille Lepage yari yubatse, akaba yitavye Imana ku myaka 26. Yatanguye gukorera mu gihugu ca Centrafrika muri Mukakaro, umwaka w’2012, afata amasanamu (Photos) yakoreshejwe mu binyamakuru bikomeye vyo kw’isi nka New York Times, Time, Le Monde, le Guardian, Le Nouvel Observateur, hamwe na Le Parisien. Abamuheruka irya nyuma bamwibukira ku butumwa bugufi yarungitse ku genekerezo rya 6 Rusama ku rubuga ngurukanabumenyi "Instagram" amenyesha amakuru y’abantu bari bagandaguwe na Seleka kuva muri Ntwarante 2014.

JPEG - 82.5 ko
Camille Lepage, umumenyeshamakuru w’umufaransa yatowe ikiziga

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.