Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique : Abasirikare babiri bo mu nteko z’abafaransa basize ubuzima i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique : Abasirikare babiri bo mu nteko z’abafaransa basize ubuzima i (...)

Centrafrique : Abasirikare babiri bo mu nteko z’abafaransa basize ubuzima i Bangui

mardi 10 Kigarama 2013

Abasirikare babiri bo mu nteko ziva mu gihugu c’Ubufaransa nibo baraye bahasize ubuzima. Aho ni mu gihe abasirikare begera 1600 b’ababafaransa barungitswe muri Centrafrika kugarukana umutekano, bari kumwe n’abasirikare bagera ku 2500 bo mu nteko z’Afrika, harimwo n’abarundi.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande akaba yamenyesheje ko ababajwe n’urupfu rw’ingabo zibiri zasize ubuzima bw’abo mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama bariko barokora ubuzima bw’abandi. Akaba yahojeje imiryango yabuze mu gihe yariko yitegurira kugira urugendo rumushikana Afrika Y’Epfo kwifadikanya n’abandi bategetsi gusezera ubwa nyuma umuhisi Mandela.

Nk’uko amakuru yo kwizera ava mu gihugu c’Ubufaransa abivuga, inyuma y’urwo rugendo rwamushikanye muri Afrika yepfo, Francois Hollande aza guca aboneraho akaryo kwishikira muri Centrafrike aho izo nteko zagwiriye. Intanduro y’imishamirano yatumye abo basirikare b’abafaransa bahasiga ubuzima, ikaba yavuye ku gikorwa kitari coroshe co kwaka ibirwanisho abasirikare b’aba islam, b’abakirisu eka n’abandi bari bakibisigaranye i Bangui. Abo bavyakwa, bakavuga ko bari babigumije kubera bari bahahamuwe n’ubwicanyi bwari bumaze iminsi bubera Bangui, bwahitanye abagera ku bantu 450.

Mwomenya ko abo basirikare babiri, babaye aba mbere bahasize ubuzima muri Centrafrika kuva hatanguye imishimirano idasanzwe yari yatanguye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Kigarama 2013.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.