Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique : Djotodia aramutswa ubutegetsi yahagaritse inama (...)
Centrafrique : Djotodia aramutswa ubutegetsi yahagaritse inama nshingamateka
mardi 26 Ntwarante 2013
Naho ataratangazwa icese nk’umukuru w’igihugu, Michel Djotodia yatanguye amabanga yiwe y’umukuru w’igihugu.
Yahagaritse ibikorwa vy’inama nshingamateka ahindura n’ibwirizwa nshingiro.
Ku mwanya muto amaze afashe ubutegetsi, yiyerekanye nk’uwutwaza umukazo. Guhagarika ibikorwa vy’inama nshingamateka, kutubahiriza ibwirizwa shingiro…
Mu kiganiro ca mbere yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Michel Djotodia yashikirije ati:
« Nsanze ari nkenerwa ko mpagarika ibwirizwa shingiro ryo ku wa 27 Munyonyo 2004, guhagarika ibikorwa vy’inama nshingamateka na Leta. Muri iki kiringo c’intwaro mfatakibanza izodushikana ku matora yigenga, yizewe kandi yo ku mugaragaro, ndaramutswa ubutegetsi ».
Mu ntubero yo kwubahiriza amasezerano ya Libreville, yagumije ku butegetsi umushikiranganji wa mbere Nicolas Tiangaye yongera yiyemeza kwubahiriza intwaro y’imfatakibanza izomara imyaka itatu, hisunzwe amasezerano ya Libreville, aho mbere yaciye ashikiriza intumbero ya Leta nshasha :
Kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu, gutunganya inzego z’umutekano n’izo kwivuna abansi, gutunganya ubutegetsi no gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’umugambi DDR( Désarmement, Démobilisation, Réintégration) ujejwe kwaka ibirwanisho abahoze ari abarwanyi, kubasubiza mu buzima busanzwe canke kubashira mu nzego z’umutekano.
Yarangije ico kiganiro asaba abakozi, ari abikorera ivyabo canke aba Leta gusubira ku mirimo kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 26 Ntwarante 2013.
Egide Nduwimana