Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique : Inama nkuru y’umutekano yategetse gushira ibirwanisho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Centrafrique : Inama nkuru y’umutekano yategetse gushira ibirwanisho (...)

Centrafrique : Inama nkuru y’umutekano yategetse gushira ibirwanisho hasi

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe gutsimbataza amahoro mu gihugu ca Centrafrika (BINUCA), Gabacar Gaye yarerekanye impungengenge afise ku mutekano muke urangwa mu gisagara ca Bangui.

Mw’itangazo BINUCA yaraye isohoye kuri uyu wa mbere wa 10 Ruhuhuma 2014, ivuga ko ubwicanyi bumaze iminsi bukorwa i Bangui buguma bwongerekana, igitigiri naco c’abahitanwa n’intambara kikavugwa impande zose z’igisagara.
Muri iryo tangazo, Gabacar Gaye avuga ko ubwicanyi buriko burakorwa i Bangui bwonona ibitari bike, harimwo n’abantu badasiba kuhasiga ababo, ubwicanyi bugatera n’indyane mu gihugu, kandi bwari bukwiye guhagarara, abitwaje ibirwanisho bagasubiza inkota mu rwubati.

JPEG - 73.7 ko
Gabacar Gaye, umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe gutsimbataza amahoro mu gihugu ca Centrafrika

Iyo ndongozi idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ikaba yibukije kuri abo bitwaje ibirwanisho ko inama nkuru y’umutekano ya ONU yatanze itegeko ko bategerezwa gushira ibirwanisho hasi mu maguru masha. Gabacar Gaye akaba yahamagariye abategetsi ba Centrafrika gushiraho ibihano bidasanzwe kuri abo bose bagirizwa ubwicanyi, bongere mbere bashikanwe n’imbere y’ubutungane.

Twobibutsa ko intambara imaze iminsi ibera i Bangui iheruka guhitana abatari bake, harimwo n’ubuzima bw’umushingamateka Jean-Emmanuel Ndjaroua, umwe mubagize urwego rwa CNT (Conseil National de Transition), mu nama nshingamateka ya Centrafrika.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.