Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrique:Leta nshasha yaragenywe kuri uwu w’Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Centrafrique:Leta nshasha yaragenywe kuri uwu w’Imana

Centrafrique:Leta nshasha yaragenywe kuri uwu w’Imana

lundi 1er Ndamukiza 2013

Umushikiranganji wa mbere wo muri centre Afrique,Nicolas Tiangaye ,yaragenye kuri uwu w’Imana leta nshasha igiye hamwe irimwo abari mu mirwi irwana hamwe n’abahoze batavuga rumwe na leta ,nkuko bivugwa n’itangazo ryasomwe kw’iradio.

Michel Djotodia yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante muri centrafrique yarashize ahabona abagize leta nshasha y’imfatakibanza irimwo ubushikiranganji 5,hamwe n’ubwo kwivuna abansi.
Nk’uko bivugwa mw’ itangazo ,uwo murwi mushasha ujejwe gutegura amatora mu myaka itatu iza, uzoba urongowe n’umushikiranganji yahahora ,Nicolas Tiangaye .

Ku wa gatandatu ,wa mugabo akomeye w’I Bangui yari yakuyeho igikorwa cose co kwihora abansi babo, aca asaba abo basangiye igihugu bahungiye mu mahanga ko botahuka.
" Ndateye akamo ka kivukanyi n’umutima wo gukunda igihugu benewacu batoye inzira yo guhunga ,ko botahuka " vyavuzwe n’uwo mutegetsi yize muri Union sovietike.

Yarasavye kandi imfashanyo amakungu hamwe n’ubufaransa ,igihugu cabatwaye imbere yuko bikukira kandi kikaba gifise abasoda muri republika ya centrafrika bajejwe gukingira abafaransa baba muri ico gihugu.
Ukwo gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Bozize bwaraciriwe urubanza n’amakungu . Ishirahamwe ry’ubumwe bw’afrika ryarahagaritse igihugu ca centrafrike mu mabanga yaco kandi rirongera riratanga ibihano kuri abo bategetsi bashasha harimwo na Michel Djotodia


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.