IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Centre Jeunes Kamenge : Ikigo gifasha abanyeshure bari mu buruhuko

Centre Jeunes Kamenge : Ikigo gifasha abanyeshure bari mu buruhuko

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Muri kino gihe, abanyeshure bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye bari mu buruhuko bwa Pasika bumara indwi zibiri
Muri ico gihe niho abanyeshure bidagadura, kuko niho baba bafise umwanya ukwiye. Hariho abo usanga baca baja mu ngeso zitari nziza, nko kunywa ibiyayura mutwe n’ibind. Hari n’abandi bagerageza kugira ico bimariye muri uyo mwanya.

Twaragendeye ikigo kiri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, arico Centre Jeunes Kamenge. Ni kimwe mu bigo vyakira abana bari mu buruhuko, na cane cane abo muma komine ya Kamenge, Cibitoke, Kinama, Buterere, Gihosha na Ngagara. Nk’uko twabibwiwe na Irakoze Bonheur, umwe mu basanzwe bahakorera, hari ibikorwa n’amahiganwa atandukanye vyateguwe muri kino kiringo. Aho twovuga nk’amahiganwa y’umupira w’amaguru (Football) n’umupira w’amaboko (Basketball), inkino za Ping Pong na Baby Foot. Uretse ivyo baranerekana amareresi yigisha urwaruka kubana neza n’abandi, hamwe n’ukwiyunga. Twaramubajije namba urwaruka ruvyitabira, nawe atumenyesha ko rubikora kandi ku bwinshi.

Evrard Niyukuri, umwe mu banyeshure twasanze aho mu kigo Centre Jeunes Kamenge, yatumenyesheje ko ashimishwa n’ibikorwa vy’ico kigo. Yatubwiye ko muri ico kigo bamufasha cane mu bijanye no kwiyungura ubumenyi, kumenya ururimi rw’igifaransa n’urukino rya Ping Pong, hamwe n’ukumenyana n’abandi. Arajijura urunganywe rwiwe kwijukira ibikorwa vya Centre Jeunes Kamenge kuko bibatuma bataja mu ngeso mbi.

Centre Jeune Kamenge yakira urwaruka rufise imyaka iri hagati y’imyaka 16 na 30, ruba cane cane mu buraruko bwo mu gisagara ca Bujumbura. Kwiyandikisha muri ico kigo ni ku buntu.


Isabelle Simbarakiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.