Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centre Jeunes Kamenge : Ikigo kirangura kandi gifasha vyinshi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Centre Jeunes Kamenge : Ikigo kirangura kandi gifasha vyinshi (...)

Centre Jeunes Kamenge : Ikigo kirangura kandi gifasha vyinshi urwaruka

mercredi 25 Nyakanga 2013

Ikigo c’urwaruka "Centre Jeunes Kamenge" co mu Kamenge cashize ahabona ivyaranguwe mu gihe c’ici, aho urwaruka ruba ari rwinshi kubera iburuhuko bukuru bw’abanyeshure. Muvyo baranguye, harimwo kwigisha urwaruka ibijanye n’amahoro no gusubiza hamwe biciye mu nkino zitandukanye n’ibindi bikorwa.

Nk’uko uburongozi bw’ico kigo bwabishikirije abari bitavye ikiganiro catunganijwe kuri uyu wa kabiri, kuva kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2013, gushika kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2013, ikigo c’urwaruka "Centre Jeunes Kamenge" cakoranye ibikorwa vyaco n’urwaruka rugera ku bihumbi bibiri n’amajana atanu, baturutse mu bice bitandukanye, na cane cane abo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, ni ukuvuga abavuye muri komine Ngagara, Kinama, Cibitoke, Kamenge, Gihosha na Buterere.

Muvyo bashitseko, harimo gutanga ubumenyi mu minsi 110 n’iyindi 66 bamaze batunganya uruganda rw’inyigisho zirambuye ku rwaruka. Harakozwe kandi ibiteramo bine bikomeye mu ntumbero yo gukangurira urwaruka kubana mu mahoro no gusubiza hamwe, batibagiye no kubigisha kwirinda ikiza ca Sida.

Harakozwe kandi amahiganwa y’amakorare n’abatamba intambo ndangakaranga, ivyo navyo bakaba babikoze mu ntumbero yo kurinda urwaruka abashobora kubajana mu macakubiri baciye mu madini. Amahiganwa 16 y’umupira w’amaguru, umunani y’urukino rw’amaboko "Basketball", hamwe n’amahiganwa atanu ya Volleyball.
Muri ubwo buruhuko kandi bwaraye burangiye, urwaruka rwarabumvye amatafari agera ku 380 000, ari nayo yakoze mu bikorwa vyo kwubakira abatishoboye.

Nk’uko uburongozi bw’ico kigo bwabandanije bubishikiriza, ivyo vyose babikora bataravye amoko, uturerere, amadini, igihugu mbere n’ibindi vyose biciye kubiri n’inzira y’amahoro n’iterambere ry’igihugu n’isi yose muri rusangi.

Muri ico kiganiro, abafashe amajambo bose bakeje ico kigo kuko gifasha abanyagihugu kurera urwaruka barwisha kwirinda amacakubiri, bagakorera hamwe kandi bakamenya ko aribo Burundi bw’ejo.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.