Accueil > Amakuru > u Burundi > Centre Jeunes Kamenge yahawe ingabire y’icuma kizokwerekana inkino (...)
Centre Jeunes Kamenge yahawe ingabire y’icuma kizokwerekana inkino z’igikombe c’isi yose
mercredi 11 Ruheshi 2014
Amashirahamwe abiri FNUAP na PNUD bashikirije Centre Jeunes Kamenge, ingabire y’icuma cerekana amasanamu (écran géant) mu ntumbero yo kuzofasha urwaruka rwipfuza kuraba za nkino z’igikombe c’isi yose buca zitangura. Ni akaryo kandi ko gutanga ubutumwa butandukanye kuri urwo rwaruka.
Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 10 Ruheshi, amashirahamwe abiri FNUAP na PNUD yaratanze ingabire y’ivyuma vyerekana amasanamu (écran géant) mu ntumbero yo kuzokwerekana uko inkino z’igikombe c’isi yose zizoba ziriko ziragenda. Iyo ngabire yaronkejwe ikigo "Centre Jeunes Kamenge, kuko gisanzwe ari ikigo cakira urwaruka rwinshi cane.
Nk’uko bishikirizwa n’abo barongoye ayo mashirahamwe FNUAP na PNUD mu Burundi, aribo Xavier Michaux arongoye PNUD, hamwe na Ismaila Mbengue arongoye FNUAP, bashimye gutanga iyo ngabire kugira urwaruka ruzoshobore kunezerwa no kuraba uko izo nkino ziriko ziragenda. Ikindi kandi bamenyesha n’uko ari akaryo ko gutanga ubutumwa butandukanye bwubaka kuri urwo rwaruka na cane cane ko mu Burundi twimirije ibihe bikomeye vy’amatora, bakazotanga ubutumwa bwo kwihanganirana, kubumbatira amahoro, irondoka rijanye n’amagara meza, kurwanya umugera wa Sida n’ibindi.
Mu gihe izo nkino z’igikombe c’isi yose zizotangura urwaruka rumwe rwo mu mashure yisumbuye ruhejeje ibibazo, kazoba ari akaryo ko kuruhuka, ku batareheza nabo bagasabwa kugenda kuraba izo nkino bahejeje kwiga, nk’uko bishikirizwa na Annick Nsabimana, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe FNUAP. Abandanya agira ati, abavyeyi nibo bafise uruhara rukomeye, kandi abana boja kuraba izo nkino ku ruhusha rw’abavyeyi babo, bakabanza kuraba ko bahejeje kwiga. Mu minsi y’ukuraba izo nkino, muri FNUAP barahumuriza ko umutekano uzoba ari wose, kuko bafashe ingingo zikwiye, ndetse baranategekanya abantu bavyigiye mu gucungera umutekano, nk’uko Annick Nsabimana abandanya abishikiriza. Ariko rero, ku nkino zizoba mu masaha ya satanu y’ijoro, bamenyesha ko batazozerekana.
Tubamenyeshe ko iyo ngabire y’ico cuma (écran géant) yahawe intara zine : Gitega, Ngozi, Rumonge hamwe na Bujumbura (mu kigo Centre Jeunes Kamenge)
Floxella Karire