Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2016 : Igikombe catashe muri RDC
CHAN 2016 : Igikombe catashe muri RDC
lundi 8 Ruhuhuma 2016, par
Ku ntsinzi y’ibitsindo bitatu ku busa bwa Mali, umurwi wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo watahukanye igikombe c’irushanwa rya CHAN 2016, hamwe n’ibahasha y’amafaranga ibihumbi 750 y’amadorare.
Mu rukino rwa nyuma rwabaye kuri uwu w’Imana, iyo ntsinzi ya Congo yabonekeye mu bitsindo bibiri vya mbere vyinjijwe na Elia Mechak, hamwe n’ica gatatu cinjijwe na Jonathan Bolinga Mpangi, mu gihe umurwi wa Mali ataco winjije.
Ico gikombe ca CHAN umurwi wa Congo w’umumenyereza Florent Ibenge wagiheruka mu 2009. Kuva CHAN 2016 itangura, umurwi wa Congo watsinzwe rimwe gusa.
Mu rukino rw’uguhiganirwa ikibanza ca gatatu, umurwi wa Côte d’Ivoire watsinze Guinea ibitsendo bibiri ku busa.
IGIHE
Messages
8 Ruhuhuma 2016, 08:48, par Mukrarinda
Twesa Abarundi Twafana Cong Twaranezerewe Twumvise Congo Yatsinze Cane Nka Bolinga Mpanzi Yaraduteturuye. Urwanda Iyorutsinda Abarundi Ntitwari Kurukira Kuberubwishime.
8 Ruhuhuma 2016, 09:47, par Hobe
@Mukurariinda. Byari droits zawe gufana equipe y’igihugu ushaka. Naho u Rwanda rwo rureke kuko rufite abafana bahagije.
8 Ruhuhuma 2016, 11:54, par kajabure.com
uravuga ayakugerey non nind yakubwiy ko abarundi twese twari dusigikiy congo ?
8 Ruhuhuma 2016, 11:56, par kajabure.com
uravuga ayakugerey non nind yakubwiy ko abarundi twese twari dusigikiy congo ?
8 Ruhuhuma 2016, 15:04, par None?
Nukuri Mukurarinda ntubeshe iyurinzubona abarundi turenga 90% gushigikira umurwi qa Congo ntirekakuvugako aritwese abarundi twaridushigikiye Congo, nubwo harimwo ba Hode batarikumwe nabandi barundi ubonako bamaze imisi bavuga ayamuhe hiryanohino kw’Isi bavuga ibitandukanye nabandi barundi.
9 Ruhuhuma 2016, 21:20, par Sebastien
umukinyi yigenjeje neza muri chan2016