Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CHAN 2016 : Igice ca kane c’inkino citezwe n’abarorerezi isinzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2016 : Igice ca kane c’inkino citezwe n’abarorerezi isinzi

CHAN 2016 : Igice ca kane c’inkino citezwe n’abarorerezi isinzi

samedi 30 Nzero 2016, par egide

Inkino za CHAN 2016 zigeze mu gice ca kane gishira ica nyuma kiza gutangura kuri uwu wa gatandatu. Urukino rwitezwe cane ni uruza guhuza umurwi nserukiragihugu w’Urwanda hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, imirwi yompi isanzwe ari abakeba.

Mu mateka y’inkino za Afrika n’iz’isi zimaze guhuza AMAVUBI y’Urwanda n’umurwi wa Congo, Urwanda kenshi rutahukana intsinzi. Naho abakinyi b’Urwanda bazoba bari imbere y’abarorerezi babo ku kibuga citiriwe AMAHORO, umumenyereza w’umurwi wa Congo, Florent Ikwange Ibengé yizeza intsinzi abakunzi b’umurwi wiwe.

Florent Ikwange Ibengé yavugiye kuri Super Sports ko ata murwi n’umwe atinya, ndetse n’Urwanda ruzoba ruriko rukinira imbere y’abakunzi barwo.

Florent Ikwange Ibengé yamenyesheje ko baje biteguye bikwiye, ahubwo akuburira Amavubi y’Urwanda ko ashobora guhura n’ibibazo imbere y’abakunzi bayo kuri uyu wa gatandatu ku kibuga citiriwe Amahoro.

Urukino rutangura isaha icenda.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.