Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CHAN 2016:Urwanda rwaronse uburenganzira bwo gukina igice 1/4 gishira ica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2016:Urwanda rwaronse uburenganzira bwo gukina igice 1/4 gishira ica (...)

CHAN 2016:Urwanda rwaronse uburenganzira bwo gukina igice 1/4 gishira ica nyuma

jeudi 21 Nzero 2016

Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda Amavubi waronse uburenganzira bwo gukina igice 1/4 c’ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ikinisha abakinyi bakina mu bihugu vyabo,inyuma yo gutsinda umurwi wa Gabon ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Urukino rwabereye ku kibuga mpuzamakungu AMAHORO isaha icenda z’umuhingamo,kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2016.

Ibitsindo ca mbere c’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda cinjiye ku munota wa 43 w’igice ca mbere cinjijwe n’umukinyi Sugira .

Inyuma gatoya igice ca kabiri gitanguye, Sugira Nyene yaciye mu ryahumye abakinyi b’inyuma b’umurwi wa Gabon yinjiza igitsindo ca kabiri.

Inyuma gato,umukinyi wa Gabon Aaron Salem Boupendza yaciye mu ryahumye abakinyi b’inyuma b’Urwanda kubera ubwinshi bwabo,aca yinjiza igitsindo kimwe ca Gabon.

Urukino rwarangiye ari ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe ca Gabon,gutyo Urwanda ruronka uburenganzira bwo gukina igice 1/4 gishira ica nyuma.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.