Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani rw’abahinyanyuzi b’amasanamu bahuriye ku ruririmbo "what’s my (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Urunani rw’abahinyanyuzi b’amasanamu bahuriye ku ruririmbo "what’s my (...)

Urunani rw’abahinyanyuzi b’amasanamu bahuriye ku ruririmbo "what’s my name"

mercredi 10 Nyakanga 2014

Isanamu y’ururirimbo "What’s my name" rwa Fariouz na Chany Queen iriko irategurwa n’urunani rw’abahinyanyuzi karuhariwe mu Burundi. Nta wundi muntu azoboneka mw’isanamu kiretse Fizzo na Chanella. Abahinga mu buhinyanyuzi barakoranye kugira bakore isanamu nziza.

Muri African Sound Records hahuriye abahinyanyuzi karuhariwe bava mu mazu y’ubuhinyanyuzi atandukanye. Urubanza rwari rumwe : gushira hamwe ubuhinga n’ubumenyi kugira isanamu y’ururirimbo "What’s my name" isohoke ica ibibatsi.

Fleury Pro, umwe muri abo bahinyanyuzi ati :" Twahamagawe kugira dukore ikintu ciza, Fizzo yashatse ko isanamu y’ururirimbo ikorwa neza". Fleury Pro arongoye inzu y’ubuhinyanyuzi "High Videoz" ari kumwe n’abahinyanyizi : The Cherif Pro akorera muri High Videoz na ICOM Pro hamwe na Kent Pro asanzwe akorera muri "African Sound Records" na Johnny B akorera muri "Mira Mira Film".

JPEG - 97.8 ko
I bubamfu bushira i buryo: Fleury,Kent, Fizzo, Chanella, Cherif na Johnny B

Nk’uko Fleury abandanya abivuga, iyo sanamu yafatiwe muri "African Sound Records" nk’uko vyasabwe na Fizzo mwene ururirimbo. Nta wundi muntu n’umwe azoyibonekamwo kiretse Fizzo na Chanella. Amakuru abandanya aduha avuga ko ishobora gusohoka inyuma y’ukwezi kuko isaba kwitonderwa.

Amwe mu mafoto yaranze ifatwa ry’amasanamu y’uririmbo "What’s my name"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.