Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chany Queen na Kook-k bagomba gukura urukukuru bemeza abo bakundana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Chany Queen na Kook-k bagomba gukura urukukuru bemeza abo bakundana

Chany Queen na Kook-k bagomba gukura urukukuru bemeza abo bakundana

vendredi 14 Ntwarante 2014

Abaririmvyi Chany Queen na Kook-k bagiye gushira ku mugaragaro urukundo abenshi bahora bamwe bibazako atarivyo, abandi batinya kubivuga kuko boba banka gukwiragiza urusaku. Ubu rero ntibikibaye urusaku canke imbeshere. Kook-k arashira ku mugaragaro urukundo bakundanye na Thity love. Chany queen nawe abwire isi n’ijuru urukundo bakundanye n’umuririmvyi R. Flow.

Abo baririmvyi basanzwe bakundana n’abandi baririmvyi bashimye gukorera hamwe ururirimbo rwo gukura urusaku n’urukurukuru mu nzira. Mu ruririmbo "How Much I Love", umuririmvyi, umukinyi w’amareresi akaba n’umuhinyanyuzi Kook-k yifadikanije n’umuririmvyikazi Chany Queen baravugira ahabona urukundo uwo wa mbere akunda umuririmvyikazi Thity Love, Chany Queen nawe yikora mu gahogo akura ku nzira abahora bibaza ko bakundana.

Kook-k avuga ko gukora ururirimbo nk’urwo ari kugaragaza urukundo bafitaniye abakunzi babo. Bashaka kubivana mu gifuri. Wewe amaranye imyaka ibiri na Thity Love mu gihe Chany Queen bamaranye imyaka 3. Kook-k ati : "Twashatse abantu babimenye ko dukundana, ko ata kinyoma kirimwo." Kook-k abandanya avuga ati : Kugaragaza urwo rukundo ntibisigura ko tugira tugire ubugeni umwe wese n’uwiwe, ariko dushaka gukura ku nzira abahora bibaza ngo turakundana".

"How Much i Love U" yakozwe na Kook-k ubwiwe kandi yashizemwo ibirungo vyose kugira urwo ruririmbo ruzosohoke rwikwije haba mu majwi no mu masanamu.

Amwe mu masanamu (photo) yamaze kuja ahabona


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.