Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Charles Blé Goudé ararenguka ubwa mbere imbere ya sentare mpuzamakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Charles Blé Goudé ararenguka ubwa mbere imbere ya sentare mpuzamakungu

Charles Blé Goudé ararenguka ubwa mbere imbere ya sentare mpuzamakungu

jeudi 27 Ntwarante 2014

Charles Blé Goudé yahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba ndetse yari n’umukuru w’urwaruka rwari rushigikiye Laurent Bagbo akiri ku butegetsi mu gihugu ca Cote d’Ivoire ari imbere y’ubutungane mpuzamakungu.

Charles Blé Goudé rero akaba aza kurenguka ubwa mbere, imbere y’ubutungane bwa sentare mpuzamakungu y’i La Haye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Ntwarante isaha zine z’igitondo, aho yagirwa kuba yashuhuriye urwaruka yari arongoye kwica abanyagihugu hamwe no gusahura ivy’abanyagihugu, ndetse no gushurashuza abana n’abakenyezi ku nguvu. Blé Goudé w’imyaka 42 y’amavuko, yagirwa ivyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu mu gihugu ca Cote d’Ivoire, aho ndetse ababirabira hafi, bavuga ko bizomugora kubikura agatwe imbere.

Abantu bagera ku bihumbi 3000 akaba aribo bagandaguwe bunyamaswa muri ico gihugu ca Cote d’Ivoire, inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010 nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Charles Ble Goude rero akaba yari umwe mu bashikiranganji bari bakunzwe cane n’umukuru w’igihugu Laurent Bagbo, ubu bakaba bari kumwe mu gasho k’iyo sentare mpuzamakungu i La Haye.

Twobamenyesha ko uwo yari arongoye urwo rwaruka rwegukira umugambwe wavamwo umukuru w’ico gihugu Laurent Bagbo, yari yarabanje guhungira muri Ghana, ariko umutahe mpuzamakungu ukaba wariko uramurondera aho hose yoba yari anyegeye. Mu mwaka uheze w’2013 akaba ariho yatangwa n’igihugu yari yahungiyemwo, maze aca ajanwa muri Cote d’Ivoire, aho yari apfungiwe ahantu hatazwi, mu kurindira ko ajanwa i La Haye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ngirango n’abamaze abantu i Burundi mu Rwanda na za Congo bazoteba bashikirwe! None ko nibura bapfa kwitwa amazina y’abatagatifu ntibihane ahubwo bakisigira ku mvyiro! Vyoba vyiza batuye, bakihana, bagahereza ibihugu abari n’iminwe itanduye maze mugihe bazohanwa, Hagahanwa umubiri umutima warabohotse! Ahandi ho ngo;"UMWUNGU W’INGAMBIIRI UJANA URUGUMA MU NKONO"! Ewe uwoshaka yobireka kuko impera n’Imperuka bazovyishura "Iryavuzwe n’Umujerere araho ku ngoma ya Bagaza""

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.