Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine: Abarenga 400 bapfuye bahitanywe n’isanganya ry’ubwato
Chine: Abarenga 400 bapfuye bahitanywe n’isanganya ry’ubwato
mardi 2 Ruheshi 2015
Abantu barenga 400 bitavye imana inyuma yaho ubwato butwaye ingenzi bwibiye mu kiyaga Yangtsé mw’ijoro ryo kuwa mbere igenekerezo rya 1 Ruheshi,2015.
Nkuko bimenyeshwa n’uwariko atwara ubwo bwato hamwe n’uwujejwe ubuhinga bari mu barokotse,ubwo bwato bwoba bwibiye kubera umuyaga mwinshi waje igihe bwariko burajabuka buva mu gisagara ca Nankin buja i Chongqing.
Abari muri ubwo bwato ni barukerarugendo b’abahumure bafise imyaka iri hagati ya 50 na 80 bavuka mu gisagara ca Nankin na Shanghai,ariko amakuru dukesha ikinyamakuru CCTV avuga ko ubwo bwato bwarimwo abantu 458 ariko ata munyamahanga yarimwo.
Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi,umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa Li Keqiang yishikiye kwirabira aho iryo sanganya ryabereye.
Umushikiranganji wa mbere yasanze bigoye gukiza aboba bakiri bazima kuko ico gikorwa kitoroshe kubera umuyaga mwinshi uri muri ico gice c’igihugu.
Mugisha
Messages
2 Ruheshi 2015, 13:41, par emma
emma
chine twebwe aba rundi turahojeje igihugu cubu shinwa ningo zose zaburiye murubwo bwato. mukomeze kwihangana
2 Ruheshi 2015, 14:49, par tonto
ntakindi nimperuka idusatiriye ibiyaga amasasu nandimasanganya abantu bikunda badya ntibahage haaaaaaa abasenga komeza uwo murimo pe
2 Ruheshi 2015, 15:14, par Nsabiyumva Isaac
Mana Ingo udutabare Isi yamaz kuduhimba. bâ shinwa bene wacu turababajw n ivyo vyago murimwo nimwihangane nimw ncuti dusigarany.
2 Ruheshi 2015, 18:16, par erike
mana tabara abawe kuko turashize imana nirabe ibiyegereze impande kuko nukuri birateye
ikirwe abobantu bitamye imana nibeshi
2 Ruheshi 2015, 19:17, par BUTOYI ERIKE
imana ibakire mubwami bwayo ariko reta yarikwiye kugira iperereza icatumye ubwobwato buzama abantu tukamenya ukuri kurubwobwato imiryankoyabuze turabahojeje imana isumbingabo