Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chine :Kubera kwambara impuzu ngufi abagore n’abakobwa babagabaniriza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine :Kubera kwambara impuzu ngufi abagore n’abakobwa babagabaniriza (...)

Chine :Kubera kwambara impuzu ngufi abagore n’abakobwa babagabaniriza ibiciro

mercredi 3 Ruheshi 2015

Nk’uko urubuga ngurukanabumenyi rwa Oddity Central.com rubitangaza, iri gabanywa ry’ibiciro rikorwa ku bagore hakurikijwe ubugufi bw’ikanzu canke ijipo umugore yambaye, aho uko ikanzu igenda iba ngufi ari ko n’igiciro kigenda kigabanywa ku rugero rutangaje.

Iyo umugore acinjira muri iyi nzu bariramwo, hariho umuntu ajejwe guca apima ikanzu yambaye uhereye hejuru y’amavi ugaca umenya ingene umugabanya ibiciro vy’infungurwa
Iri gabanywa ry’ibiciro hakoreshejwe ubu buryo, ryatanguriye mu buriro bwa Yang Jia Hot Pot iri mu gisagara ca Jinan mu ndwi iheze, kandi ,umwimbu usigaye ari mwinshi kuko usanga,abagore batonze imbere yubwo buriro barindiriye ko bapimwa.

Umukobwa canke umugore yambaye ikanzu ku buryo kuva hejuru y’amavi kugera aho itanguriye hari uburebure bwa cm 13 agabanyirizwa 90% ku giciro, nayo uwambaye iyihera kuri cm 10 akagabanirizwa 20%.

Mwen’ubwo buriro Eason Yang, avuga ko ubwo buryo bwashizweho mu rwego rwo gushimira abagore,n’abakobwa kuko aribo bari basanzwe bitaba ubwo buriro cane.kandi akemeza ko ari n’imwe mu mitwe(strategie)yakoresheje akanahamagarira uwariwe wese kwiga umutwe yokoresha yisangije wenyene .

Ati :« uburiro bwacu bumaze amezi atanu bubayeho, buri kwezi tugira akantu gashasha kw’ igabanywa ry’ibiciro ivyo navyo bituma abatwitura baguma biyongera.»

S’ ubwa mbere muri iki gihugu hagaragaye uburiro bugabaniriza ibiciro abantu bamwe bamwe ibiciro, aho mu ntango z’uyu mwaka uburiro bwa Zhengzhou bwatanga infungurwa ku bakobwa batanu batoranwa kw’ ari beza b’umunsi, aba bakaba baratoranywa n’abatunganya ubwiza (Plastic surgeons).


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.