Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chine: Nyamugigima yahitanye abarenga 46 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine: Nyamugigima yahitanye abarenga 46

Chine: Nyamugigima yahitanye abarenga 46

samedi 20 Ndamukiza 2013

Ikigo kijejwe kugenzura za nyamugigima gifise icicaro muri Amerika (USGS), camenyesheje ko nyamugigima yari ifise umurindi wa 6.6 yumvikanye ku km 50 mu muji wa Linqiong.

Iyindi nyamugigima y’umurindi wa 8.0 yigeze guca ho Sichuan mu 2008 yahitanye abantu 90.000.

JPEG - 27.1 ko
Abantu bavuye mu mazu baja ahabona, mu muji wa Ya’an, Chengdu, intara ya Suchuan kubera nyamugigima

Iyanyuma yumvikanye igihe c’isaha zibiri zo mu Bushinwa yavurwa ko ifise umurindi wa 6.9 iChengdu ku murwa mukuru wa Sichuan.
Abantu birukanze mu mabarabara bifutse uburengeti nk’uko biboneka mu mashusho yashizwe kuri internet, ayandi mashusho yerekana inyubakwa zasidutse.
Amatara n’amazi mur’ako gace vyacitse, eka na telefone ntizikora.

Ikinyamakauru ca leta Xinhua, gitangaza ko abasirikare 2000 barungitswe gutabara.
Umuji wa Ya’an, wegereye cane ahandurutse iyo nyamugigima, usanzwe ubamwo abantu miliyoni n’igice.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.