Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chine: Umuhungu wa Jackie Chan yakatiwe umunyororo kubera urumogi rwinshi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Chine: Umuhungu wa Jackie Chan yakatiwe umunyororo kubera urumogi rwinshi (...)

Chine: Umuhungu wa Jackie Chan yakatiwe umunyororo kubera urumogi rwinshi anywa

samedi 10 Nzero 2015

Umuhungu w’umukinyi w’amareresi azwi cane kw’izina rya Jackie Chan yaraye aciriwe umunyororo kubera urumogi rwo mu bwoko bwa Cannabis na Marijuana yafatanywe. Ivyo bibaye mu gihe se wiwe yahora mu rwego rw’igihugu rurwanya ibiyayura mutwe mu Bushinwa.

Joyce Chan afise imyak 32, n’umuririmvyi agakina n’amareresi, avuka k’umukinyi w’amareresi ya Kung-Fu Jackie Chan. Uwo yafashwe ari kumwe n’umukinyi w’amareresi Kai Ko w’imyaka 23 avuka mu gihugu ca Taiwane mu kwezi kwa Myandagaro 2014, bagirizwa kunywa urumogi rwo mu bwoko bwa Marijuana.

Imbere y’ubutungane bwashashe ejo haheze kw’igenekerezo rya 09 Nzero, Joyce Chan yasubiriye kwitaba yagirizwa kuba atunze ibiro bishika ijana (100kg) vy’urumogi rwo mu bwoko bwa Cannabis. Mu rubanza rutarengeje isaha imwe, uwo muhungu wa Jackie Chan yaciriwe gupfungwa amezi atandatu.

Mu gihe igihugu ca Chine catanguje uruganda rwo kurwanya bivuye inyuma kunywa ibiyayura mutwe, ibihangange canke abantu bazwi cane muri ico gihugu barenga cumi baramaze gufatwa kandi baca bajanwa imbere y’abantu ku bamaramaza.

Joyce Chan afatanywe yama yafatanye urumogi mu gihe se wiwe Jackie Chan mu mwaka w’i 2009 yararongoye igisata c’igihugu kijejwe kurwanya ibiyayura mu mutwe mu gisagara ca Pekin.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.