Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa : Umusore yitemye ikiganza kubera gukunda ubuhinga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Umusore yitemye ikiganza kubera gukunda ubuhinga (...)

Ubushinwa : Umusore yitemye ikiganza kubera gukunda ubuhinga ngurukanabumenyi

mercredi 11 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mu gihugu c’Ubushinwa hari umwana w’umuhungu w’imyaka cumi n’icenda yikase ikiganza c’i buryo kuko asigaye yararemaye, umutima wose ukaba wari usigaye uri ku buhinga ngurukanabumenyi "Addiction à Internet", aho muri ico gihugu c’Ubushinwa bakaba babifata nk’indwara.

Uwo musore vyari vyamurambiye ukuntu umutima wiwe wose wari waratwawe n’ubuhinga ngurukanabumenyi, nikwo kwiyumvira ico yokora kugira bikunde abihebe, aca yica ikiganza c’i buryo. Uwo musore akaba yaciye afata itagisi imushikana ku bitaro kugira bashobore kumuvura. Imbere yo gukora iryo bara, uwo musore rero yari yagerageje kwinyegeza nyina aca asohokana imbugita bakoresha mu gikoni. Abaganga rero babifashijemwo n’igiporisi bakaba bashoboye gutora ico kiganza yitemye kugira bashobore kugishona, n’ubwo ata mahirwe babonye ko ashobora kugarukana ikiganza ciwe uko cari kiri. Nyina w’uwo musore akaba yaratangajwe n’iyo nyifato y’umuhungu wiwe.

Tubamenyeshe ko mu mwaka w’2008, Ubushinwa bwafashe nk’indwara, ugukunda ubuhinga ngurukanabumenyi ku rugero rurengeje. Guhera ubwo, baciye bashinga ibigo vyabigenewe, kugira bishobore kuvura abo bose bafise iyo ndwara. Igitangaje muri ico gihugu, n’uko ibigo amajana abiri na mirongo itanu bimaze kubaho, nk’uko bishikirizwa n’ikigo kimenyesha amakuru Reuters, aho rero muri ivyo bigo hakaba hugaraniwe urwaruka rutari ruke, rukaba mbere rutorohewe na gato kuko barukoresha imyimenyerezo umenga ni iya gisirikare. Abatari bake bakaba bavyiyamiriza, mbere hakaba hari umusore w’imyaka 15 yahasize ubuzima, umunsi wa mbere nyene ahashika kugira bamukuremwo ivyo bintu vyo gukunda urubuga ngurukanabumenyi birengeje (Desintoxication àInternet).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.